IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > u Burundi > Itegeko rigenga umwuga wo kumenyesha amakuru ryemejwe

Itegeko rigenga umwuga wo kumenyesha amakuru ryemejwe

mardi 4 Ruheshi 2013

Itegeko inomero 1/11 ryo ku wa 4 Ruheshi umwaka w’2013, niryo tegeko rishasaha rigiye kugenga umwuga wo kumenyesha amakuru mu Burundi, rikaba rije gusubirira iryari rihasanzwe, ryari ryatowe mu mwaka w’2003. Iryo tegeko naho ryatowe ryariyamirijwe n’abatari bake y’aba abanyagihugu, amanyamakuru, abafasha Uburundi, amashirahamwe mpuzamakungu n’abandi.

Ku bw’uwurongoye ishirahamwe ry’ibitangazamakuru mu Burundi Vincent Nkeshimana, avuga ko itegeko nka rirya, uko barizi, rigoye kuzokurikizwa, avuga ko ari itegeko riciye kubiri n’ibwirizwa nshingiro ry’Uburundi.

Ikindi naco, bahaye ububasha abantu bashobora gusoma amakuru maze ivyo basomye, babitahuye uko bavyumva bonyene, bikavamwo icaha. Asaba abamenyeshamakuru bose kudacibwa inkokora n’iryo tegeko kuko ku bwiwe abona ko ari ugusamaza abakora umwuga wo kumenyesha amakuru.

Mu runani rw’abamenyeshamakuru mu Burundi naho nyene bagize ico bashikirije. Ku bwa Mariya Karara Ndikumana icegera c’umukuru w’urwo runani, amenyesha ko ari umubabaro ntangere ku mwuga w’ukumenyesha amakuru mu Burundi, kubona itegeko ryiyamirijwe n’abantu isinzi umukuru w’igihugu yarishizeko umukono.

Amenyesha ko batagiye guhagarika gutanga amakuru bisunze nya tegeko, yasavye kandi abamenyeshamakuru ko batoreka gutohoza amakuru uko bahora ngo batinye itegeko riteye kubiri n’ibwirizwa nshingiro, ku bwiwe rero, iryo tegeko ngo ntibageza kuryemera.

Eka n’amaradiyo atandukanye asamirana mu Burundi yagize ico avuga kuri iryo tegeko. Uwurongoye iradiyo y’abanyagihugu RPA Manirakiza Eric, yabwiye bagenzi bacu ko iryo tegeko abanyagihugu bafise uburenganzira bwo kuryiyamiriza kuko riteye kubiri n’ibwirizwa nshingiro, ndetse Eric Manirakiza yasavye abasanzwe baha amakuru abanyamakuru kubandanya, kuko batageza kuzovuga uwuba yabahaye inkuru.

Ubutumwa nawe nyene ni bwabundi asaba abamenyeshamakuru bagenzi we gukora akazi neza, gutanga inkuru zitohojwe neza. Kubivurwa naho ko abamenyeshamakuru b’abarundi batinya ibihano, yamenyesheje ko mw’itegeko ryo mu 2003, ibihano vyari birimwo, kandi ati ivyo bihano vyarakurikizwa. Asaba abategetsi rero gusubiramwo neza iryo tegeko bakaraba ko hari ico ryokwungura Uburundi n’umwuga wo kumenyesha amakuru muri rusangi.

Mu migambwe itandukanye nabo nyene bagize ico bashikirije. Mu murwi wiyemeje gusubiza umutamana umugambwe w’Abadasigana Uprona bavuga ko iryo tegeko baryakiriye nabi kandi ko mu mugambwe uri ku butegetsi CNDD-FDD bokubitiza agatima mpembero bakabona ko iryo tegeko ryatowe nabo nyene ribaraba, ati ari ejo canke hirya y’ejo rizobagirira ingaruka.

Tasiyano Sibomana yasavye bagenziwe b’Abadasigana bari muri Leta ko badakwiye kwicara gusa ariko bakwiye kwerekana aho bahagaze ku bibazo bihanze Uburundi, haba impinyanyuro nshasha z’amategeko agena umurwi wo kumenya ukuri no kurekuriranira, itegeko rigenga imyiyerekano n’amanama….Asaba rero Abadasigana bari mu nzego z’igihugu kuba abashingantahe vy’ukuri maze barwanire inyungu z’igihugu n’izabanyagigu.

Pierre Embroise wo muri RSF we yavuze ko ari akumire kubona itegeko ryiyamitijwe n’abantu bose ryateweko umukono, avuga ko iri genekerezo rya 4 Ruheshi ari umunsi mubi, umunsi w’intibagirwa mw’’itangazamkuru mu Burundi, umunsi ubwigenge bw’ukumenyesha makuru bwagiriyeko mu Burundi.

Umuvugizi w’umukuru w’igihugu Lewonidasi Hatungimana amenyesha ko hakiri kare kugira bagire ico bavuze.

Tworangiza tubamenyesha ko kuri uyu wa kane nyene abanyepolitike bamwe bamwe batanguye kwitwaza iryo tegeko ryateweko umukono, kuko igihe umukuru w’umugambwe CNDD-FDD yariko abazwa n’umumenyeshamakuru wa RPA ku bijanye n’inama yoba yabereye i Ngozi n’i Muramvya k’wuzokwitoza mu kibanza c’umukuru w’igihugu, yabariye uyo mu menyeshamakuru ko azobazwa uwamuhaye ayo makuru na rirya itegeko rishasha rigenga umwuga wo kumenyesha amakuru ryateweko umukono.


Aristide Nizigire

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.