Accueil > Amagara y’abantu > Itomati, ikiribwa gituma imbuto z’abagabo zirwira kandi zikomera
Itomati, ikiribwa gituma imbuto z’abagabo zirwira kandi zikomera
jeudi 8 Rusama 2014
Mu cirwa cakozwe n’abashakashatsi b’abanyamerika, basanze itomati zifise ubushobozi bwo gukomeza intanga (Spermatozoïdes) canke "imbuto z’abagabo" z’abagabo, kuziha ibara ryiza hamwe no kuzongerereza kugeza ku bice 70 kw’ijana kubw’ingaburo « lycopène » iri mu matomati.
Ivyirwa bigera kuri 12 bikaba vyakozwe n’abashakashatsi bo ku bitaro Cleveland vyo muri Reta Zunzubumwe z’Amerika kubijanye n’ingaruka z’ingaburo « lycopène » dusanga mw’itomati ku magara y’abantu.
Kwongereza inguvu intanga kugeza ku bice 70 kw’ijana, kugabanya izidakomeye ziba ziri mu matengatwa hamwe no kugabanya indwara zibangamira ayo matengatwa,(nka za kanseri), akaba ari bimwe mu tumaro twizo ngaburo ya "lycopène" .
Nkuko bisigurwa na Ashok Agarwal, umwe mu bashakashatsi batanguje ico cirwa, akaba n’umuyobozi w’ikigo Cleveland, ingaburo lycopène, n’uburyo budasanzwe butuma imbuto z’abagabo zongerekana. Ico cirwa gishasha kikaba caje cuhira icari caracozwe cerekanye ukungene ingaburo dusanga mu ma karoti (bêta-carotène), mu ma laitue (lutéine) hamwe no muma tomati (lycopène) biri mu bituma intanga z’abagabo zirwira kandi zikanakomera.
Naho itomati ari ngira kamaro ku magara y’abantu na cane cane ku bagabo, abahinga banonosoye ibijanye n’intanga bavuga ko bakwiye guhitamwo itomati zitahinguwe. Muganga Maria wo gihugu ca Brésil amenyesha ko itomati ziba zitahinguwe ziba zifise murizo ivyunyunyu bigera ku 40 kw’ijana kurusha izahinguwe.
Muganga Laurence Levy Dutel nawe, asanzwe ari umuhinga yanonosoye ibijanye n’irwirirana ry’intanga amenyesha ko bimwe mu bansi b’intanga harimwo kunywa inzoga, ibiyayura mutwe.
Ahamagarira abagabo bose, ahereye kubakiri abasore, kwirinda kunywa ibiyayuramutwe n’inzogabene, kwirinda kwoga amazi ashushe, kuja muri vya vyumba bishushe bita « sauna » bigabanya ibinure canke kwirinda kwambara uduhuzu two munsi dufata ibihimba vy’irondoka.
Mwomenya ko abagabo bavyibushe hamwe n’abasanzwe bafise ibiro bike(Maigre) bahamagariwe kugira imyimenyerezo yo kwinonora imitsi kugira imitsi ikomere gusumba.
Tubibutse ko bimwe mu bituma abakenyezi badasama, hashobora kuba harimwo ukudakomera kw’intanga canke ukudasohokana inguvu kwazo ngo zinjire mu gitereko c’umukenyezi.
BUKURU Mariella
Messages
8 Rusama 2014, 21:33, par Gerard
None umuntu yozirya mbisi?ko bavuga ngo haba harimwo ama risque yo kwandura amibe.umuntu ashaka kugira igicina kinini yofungura iki ?mumpe inyishu
8 Rusama 2014, 21:44, par Irambona Liévin
Nivyiza Kuduh’ubumenyi N’impanuro Zijanye N’amagara Meza Yacu.Ikibazo:dufate Ko Umuntu Yarafise Intanga Zidakomey Cank Zidakwiy,umunt’afashe Bikwiy Izo Tomate Zob’umuti Wivyobibazo Vyose?
9 Rusama 2014, 09:08, par Nicolas
Murakoz kurizo mpanuro tugiy kubikwrkiza.thnks
10 Rusama 2014, 17:54, par mubiri
ewe,Gerard. None nya gicina nyene cawe ntigikwiye?.
urarya inswa bo n’ibiyoba hamwe n’indya zirimwo umunyu wumvikana,hanyuma uzorabe
11 Rusama 2014, 13:09, par Mathieu
bazirya mbisi ? kumusi zingahe mugihekingana gute? inyishu.!
13 Rusama 2014, 09:09, par gitsina
We Gerard, igicina ni iki?
13 Rusama 2014, 09:09, par gitsina
We Gerard, igicina ni iki?
18 Ruheshi 2016, 18:51, par NGAMIJE Oscar
NON,UMUNTUYOZIRYAMBIS?ZINGAHEKUMUS?
17 Mukakaro 2016, 21:34, par Ruhara
Vyobabivakuki,kugir’umugoreakwirikijeatevyekandi,atagiyekwamuganga?
5 Myandagaro 2016, 21:52, par yves kwizera
none iyo umugabo afise igitsina gito kidashobor gushika kere mugihimba cirondoka cumugor wiwe aho ntibishobor kwanka kobavyara ?
10 Myandagaro 2016, 19:45, par Ndanezerewe Viator
None Iyo Umugore Abayaravyaye Akaja Kumugabo Ntibavyare Bajakwamuganga Bakababwirako Bakomeye Bobigenza Gute Ndinde Yoryitomati Nyishi Murabo Canke Umugabo Yojahanze Muduhe Umuco
2 Gitugutu 2016, 20:11, par Christine
None Muvuze Itomati Zidahinguwe Nizidatetse Mbisi? Canke Nirya Sose Tomati?
27 Kigarama 2016, 13:45, par MPAWENAYO DONATIEN
Murakoze None Ko Twumva Ngo Imyimbati Nayene Ngo Iratuma Intanga Zigwira .Ego Canke Oya
4 Ruhuhuma 2017, 20:42, par PALISH
NIMUTUBWIRE INGENE BAZIRYA NYA TOMATE!
27 Ntwarante 2017, 14:57, par MWAMI
JEW NDABABAZ UZIRYA MBIS RPS.
18 Ruhuhuma 2018, 20:23, par Emmaly Boni Kagayo
Non Baziry Ari Mbisi Kury Nyen ? Murakoz
3 Ruheshi 2018, 08:56, par vianne
Je ndabaz ugore atafise amazi yigicina yoyaronka bigenze gute?yokoriki?
16 Gitugutu 2018, 16:07, par Michel
kobavuga kw ibiyoba (arachide) vyongereza intanga ngabo vyoba arivyo?