Accueil > Inkino > FOOTBALL > Itsindwa rya Muzinga ryoba ryavuye kurwangara ry’abarongozi b’umurwi
Itsindwa rya Muzinga ryoba ryavuye kurwangara ry’abarongozi b’umurwi
mardi 14 Gitugutu 2014
Indwi ya gatandatu y’inkino z’ihiganwa rya Primus Ligue yarangiye hari imirwi itorohewe. Ibibanza biguma bihinduka ku mirwi imwe imwe kiretse umurwi wa Vital’o wabaye ntayegayezwa kw’isonga, eka n’umurwi wa Academie Tchite vyanse ko winanata ukava mu kibanza ca nyuma.
- bamwe mu bagize umurwi wa Muzinga
Inkino z’indwi ya gatandatu zabaye uku gukurikira:
1) kw’igenekerezo rya 10 Gitugutu: Atletico yatsinze 3- 0 Muzinga,
Kw’igenekerezo rya 11 Gitugutu imirwi yahuye uku:
1) Messager Buja yanganije 2-2 na Buja City,
2) Messager Ngozi yanganije 0-0 na Volontaire,
3) Nyanza United yatsinze 2-1 Olympic Star
4) Vital’o yatsinze 2-0 Royal FC
5) Flambeau de l’Est yatsinze 3-0 Academie Tchite,
Kw’igenekerezo rya 12 Gitugutu inkino zabaye uku:
6) Prince Louis yatsinze 2-1 Rusizi FC
7) Inter Star yanganije 1-1 LLB
Mwomenya ko hari amakuru avuga ko itsindwa ry’umurwi wa Muzinga ryoba ryavuye ku rwangara ry’abakurikirana uwo murwi aho boba babahaye ivyo kurya isaha umunani (14h) kandi urukino rutangura isaha icenda (15h), bigatuma uwo murwi wariko uvyifatamwo neza usubira inyuma.
Cherif Nkeshimana