IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > Intwaro ibereye > Ituzwa ry’igiturire riri mu vyakoranirije abagize Reta i Gitega

Ituzwa ry’igiturire riri mu vyakoranirije abagize Reta i Gitega

vendredi 17 Gitugutu 2014

Mu mwiherero abagize Reta y’Uburundi barimwo, ituzwa ry’igiturire rikaba riri mu vyo bariko bararabira hamwe.

Mw’ijambo ry’umukuru w’igihugu Petero Nkurunziza, akaba yamenyesheje ko igiturire ari akaranda ko kurwanya. Igiturire rero kikaba kiri mu bituma ibihugu bidashika kw’ihangiro ry’ikimpumbi mw’iterambere. Igiturire kandi nk’uko umukuru w’igihugu abandanya abivuga kikaba gihungabanya intwaro ibereye, n’intwaro ishingiye ku mategeko, ihungabana ry’agateka ka zina muntu hamwe n’ayandi mabi ashingiye kw’ihungabana ry’umutekano w’ibihugu n’abanyagihugu.

Umukuru w’igihugu Petero Nkurunziza aho yari muri uwo mw’iherero mu ntara ya Gitega co kimwe n’abashikiranganji, akaba avuga ko n’igihugu c’Uburundi kitasizwe inyuma n’ico kiza c’igiturire. Avuga ko kuva mu mwaka w’2005, hafashwe ingingo zo kugituza ndetse abarundi n’amakungu bakaba aribo vyabona. Umukuru w’igihugu muri iryo jambo ryo kwugurura uwo mwiherero, akaba yavuze ko mu mwaka w’2010, mu kwezi kwa Myandagaro igihe yarahirira kurongora igihugu, yaravuze ko ata kigongwe k’uwuzofatwa wese yagirijwe kurya igiturire, n’ibindi vyose bijanye no kunyuruza amatungo ya Reta, ivyo yise (tolérance zéro à tous les coupables d’actes de corruption).

Kuri ivyo, umukuru w’igihugu Petero Nkurunziza akavuga ko n’aho igiturire kitaratuzwa neza mu Burundi, ariko ibimaze gukorwa bishimishije, ndetse bitera n’intege.


Aristide Nizigire

Messages

  • bahenda bande sibo bambere mukurya igiturire emwe ntaco bahuma amaso amakungu, bararabira kugwanda aho rugeze natwe duzerera inyuma yabo birabaje.

  • Ivyo bavugasivyo bakora barahendabandi.baryabarangije amashure barenza imyaka4 babuze igiturire kobatararonka akazi?ariko abayaronse numweaka udahera.ntiriwabo?

  • Nyakubahwa mukuru wigihugu kuriko ureanya igiturire tubwire nawe iyo indege baguhaye iyo yavuye hama uvuge twumve ko wigira gugu Uri mubarya ruswa

  • Mbe mu Burundi udafise igiturire harikintu kiva kubategetsi woronka.ahubwo ugifise ivyuronderantamusi uhera utabironse Kandi ndibaza ko bavyirengangiza babibona .urondeta ishure ry umwana ,akazi,uburana,uronderauruhushs rwo kugendeshaimodoka,upfunzwe ufise amateshabanga ntanakimwubura.ivyo nibimwe bita bangwebangwe itabuzwa uwukubitwa,kirarirbwa abategetsi basemerera tolerance zero ariko bakirabirs hirya.kimweg gusa ukiriye utari muri system tolerance zero iragukorerako.Jew ndazi umukuru wigihugu yobishaka ntamwaka wohera igiturire kitabaye harabaye.

  • Yavuze ko ata kigongwe ku wuzofatwawese yagirizwa igiturire. None yafashe nde ko babirya yirabira hirya ? Abafatwa ni abiba impene gusa naye Embezelment is tolerated.

  • Amatora meza mu Burundi ntayo twimirije mbega abo banyakubahwa ko barazwe ishinga nukuronko utwo bakwegera mumifuko yabo,umunyagihugu ikigoyi indwara ubusuma ubw icanyi bumurembeje.wumva abo banezwe ko amatora yogenda neza Kandi agafu kabo kohava gaseseka .abo nibo bariko bategura kuyatoba Kandi nibo bazoyatoba.hanyuma uyo mukuru WA CNI nawe ,uravye abapfuye kuva muri 2010 uko bangana kubera wewe wateguye amatora arimwo ubusuma! ndibaza ko ivyo bizotuma utibukwa Raba Micombero harumuntu numwe urumva amwibuka kuko yapfuye amarishije inganda!.kora nkumushingantahe w ijunza n ijambo ureke guhengamira kumugambwe uri kubutegetsi ,turazi ko hariho aba generaux bagutera ubwoba ariko umenye ko hakuba imbwa woba imva.kandi mourir sans gloire c’est mourir toujours

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.