Accueil > Amakuru > u Burundi > Ivuriro rishigikiwe n’Ubuyapani hamwe n’uBufaransa ryarinjiwe muri komine (...)
Ivuriro rishigikiwe n’Ubuyapani hamwe n’uBufaransa ryarinjiwe muri komine Bwiza
vendredi 15 Ruhuhuma 2013
Kuri uyu wa kane igenekerezo rya 14 ruhuhuma muri uno mwaka, ikigo OPDE kijejwe guteza imbere agateka k’abana bari mu ngorane cashikirijwe ivuriro ryari rimaze imyaka itari mike rikorera muri komine Bwiza ariko ikaba itari ifise ibikoresho vy’iryo vuriro.
Iryo vuriro ryashoboye gutangura kuko bari baronse imfashanyo y’amafaranga agera ku miliyoni ijana mu mafaranga y’amarundi. Ubu rero iryo vuriro rifise ibitanda 30 vy’abarwayi kandi ngo barashobora kuvura indwara zikunda gutera abanyagihugu bo mu micungararo.
Uwuserukira ubufaransa mu Burundi Jean Lamy yari ari ngaho igihe bariko haraba ibirori vyo kwinjira iryo vuriro akaba yamenyesheje ko igihugu gishira imbere abantu ba ntahonikora.
Grace Irimbere