Deprecated: Unparenthesized `a ? b : c ? d : e` is deprecated. Use either `(a ? b : c) ? d : e` or `a ? b : (c ? d : e)` in /home/igihe/public_html/ecrire/inc/utils.php on line 2576
Ivyaranze ihayanishwa gurisha ry’ivyimburwa vyo mu burimyi n’ubworozi - IGIHE Burundi
IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Ubutunzi > Uburimyi > Ivyaranze ihayanishwa gurisha ry’ivyimburwa vyo mu burimyi n’ubworozi

Ivyaranze ihayanishwa gurisha ry’ivyimburwa vyo mu burimyi n’ubworozi

lundi 21 Mukakaro 2014

Gutanga ubushimwe n’uburusho butandukanye ku bakoze neza kurusha abandi, ni bimwe mu vyaranze ibirori vyo gusozera ihayanishwagurisha ry’ivyimburwa vyo mu burimyi n’ubworozi ryari rimaze hafi indwi ribera mu gisagara ca Bujumbura.

Ihayanishishwagurisha y’ivyimburwa vyo mu burimyi n’ubworozi rigizwe n’abarimyi borozi bavuye mu mihingo itandukanye y’igihugu hamwe n’abavuye mu bihugu bibanyi vy’Uburundi ryasozerewe, kuri uno munsi wa mbere, igenekerezo rya 21 Mukakaro 2014 inyuma y’iminsi itandatu rikoranye. Bamwe mu barimyi borozi bari mu mashirahamwe n’ama cooperative yo mu Burundi bavuga ko bashimishijwe n’iryo hayanishwagurishwa, kuko ari akaryo keza baronka ko kwerekana ibikorwa vyabo bakora bakaboneraho n’akaryo ko kwungurana ubumenyi mu gisata c’uburimyi n’ubworozi.

Muri iryo hayanishwagurishwa ry’ivyimburwa vy’abarimyi n’aborozi, n’abavuye mu mihingo yo hanze bakaba barashoboye kuzana ivyimburwa vyabo. Aho twovuga nk’amashirahamwe y’ingoma y’Ububirigi CTB yo muri Tanzaniya yaje kwerekana ibikorwa vyayo mu guhingura ubuki n’amavuta avura nk’indwara z’uruhushi, imba n’ibihara.
Mw’ijambo ryo gusozera iryo hayanishwagurisha ry’ivyimburwa, kuri uyu wa mbere wa 21 Mukakaro, umushikiranganji w’uburimyi n’ubworozi Odetta Kayitesi yamenyesheje ko ivyari vyitezwe, ibikuru bikuru vyashitsweko kuko kabaye akanya keza ko kuronsa ubumenyi abari mu gisata c’uburimyi n’ubworozi.

Kabaye kandi n’akaryo ko guhuza abafise imitahe mu burimyi n’ubworozi, amashirahamwe y’abarimyi n’aborozi, abafise ibindi bisata bisanzwe bifasha mu burimyi n’ubworozi, nk’ibijanye no kuronsa umuyagankuba kugira abarimyi n’aborozi bashobore guhingura bakorera mu mahinguriro matomato.
Odetta Kayitesi akavuga ko ivyo bizotuma ubushikiranganji bw’uburimyi bubona ibikenewe muvyokorwa kugira igisata c’uburimyi gitere imbere, gishobore no gushika kw’ihangiro ryo kurwanya inzara mu gihugu cose.

Mwomenya ko muvyo abarimyi basaba Reta, harimwo gushigikirwa mu kuronswa ingurane mu mabanki no mu mashirahamwe yo kuguranana, mu gihe haje ibiza vy’ihindagurika ry’ibihe bafashwe, bongere baronswe imbuto nziza hamwe n’ugukurikiranwa mu bijanye no kuronka aho barimira nk’iyo imvura yataze. Reta nayo ikaba yasavye abarimyi n’aborozi gushira inguvu hamwe, guhurumbira kuja mu ma cooperative no mu mashirahamwe, kurya ihindagurika ry’ibihe ridasezerana abarimyi bagasabwa guhurumbira kubika ivyo bimbuye mu bigega vy’intega bizoza, ibigega rusangi kugira bizokwifashe iyo habaye umwimbu muke. Abarimyi basabwe kandi kwijukira kwiga kurima neza, gukoresha neza amazi, za nyabarega, no gufashanya mu bihe bidasanzwe kugira ntihagire uwusubira inyuma. Iyo basavye ingurane naho, abarimyi basabwe kuriha neza, gutyo bikazotuma amabanki ashobora guha n’abandi bari inyuma.

Tubibutse amashirahamwe yafashije muri iryo hayanishwagurisha ry’ivyimburwa vy’abarimyi borozi harimwo ingoma y’ababirigi CTB ibicishije muri PAIOSA, ishirahamwe CAPAD, hamwe na Agro Pro FOCUS.


Mariella Bukuru

Messages

  • ariko igihe twakarimishirije isuka ,tukaba ahorimwe mwumva tuja he mu burimyi ..ehe raba la plaine de l imbo ingene irimwo amazu aho kuharima!!!!nta politike mbona muri kino gihugu ..hari abahumba gusa...

  • ariko igihe twakarimishirije isuka ,tukaba ahorimwe mwumva tuja he mu burimyi ..ehe raba la plaine de l imbo ingene irimwo amazu aho kuharima!!!!nta politike mbona muri kino gihugu ..hari abahumba gusa...

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.