Deprecated: Unparenthesized `a ? b : c ? d : e` is deprecated. Use either `(a ? b : c) ? d : e` or `a ? b : (c ? d : e)` in /home/igihe/public_html/ecrire/inc/utils.php on line 2576
"Ivyasabwe bigamije gutera ubwoba urwego rw’abashingwamanza mu (...) - IGIHE Burundi
IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > Ubutungane > "Ivyasabwe bigamije gutera ubwoba urwego rw’abashingwamanza mu (...)

"Ivyasabwe bigamije gutera ubwoba urwego rw’abashingwamanza mu Burundi"

dimanche 3 Munyonyo 2013

Sentare nkuru isubiramwo imanza ya Bujumbura yarandikiye urwandiko inama nkuru y’abashingwamanza b’i Bujumbura, aho isaba urwo rwego gufuta Isidore Rufyikiri ku rutonde rw’abashingwamanza, kuko bivugwa ko "yarenze amategeko muvyo yashikirije mu gihe yariko aha ikiganiro abanditsi n’abamenyeshamakuru muri iyi ndwi turangije.

Ku genekerezo rya 30 Gitugutu, Niyongabo Elie, umushikirazamanza mukuru akukira sentare nkuru isubiramwo imanza i Bujumbura yarandikiye ikete inama nkuru y’abashingwamanza ayisaba ko bofuta Isidore Rufyikiri ku rutonde rw’abashingwamanza, bamwagiriza kuba yashikirije ibintu bitandukanye n’amategeko agenga uwo murwa mu Burundi, kandi ko n’amajambo yashikirije yoba ahungabanya umutekano. Mu gihe yariko atanga ikiganiro ku banditsi n’abanyamakuru ku musi wa kabiri igenekerezo rya 29 Gitugutu, yariko avuga ku kibazo c’uko ibwirizwa shingiro ry’Uburundi rishobora gusubirwamwo bitisunze amategeko.

JPEG - 27.9 ko
Umushingwamanza Isidore Rufyikiri, arongoye urwego rw’abashingwamanza b’i Bujumbura

Muri iryo kete rya sentare nkuru isubiramwo imanza bamenyesha ko yarenze ingingo ya 11 y’itegeko nimero 014 ryo kuwa 29 Munyonyo 2002. Kubera bamenyesha ko atari ubwa mbere Isidore Rufyikiri akora iryo kosa, basaba abagize urwego rw’abashingwamanza kumukura ku rutonde rw’abashingwamanza.
Kubwa Isidore Rufyikiri, abona ko ivyasabwe na sentare nkuru ari ibigamije gutera ubwoba abari muri urwo rwego, kugira bababuze gusubira gushikiriza ivyiyumviro ku vyerekeye ibibazo bihanze igihugu.Yasavye abategetsi batandukanye bo mu butungane gutandukanya amajambo aba yashikirije ku gatwe kiwe n’ayo aba yavuze ku gatwe k’urwo rwego rw’abashingwamanza. Mwomenya ko amakuru atanguye kunuganurwa yoba avuga ko Isidore Rufyikiri yoba ariko araburabuzwa ku mvo y’uko yitwariye Uburundi muri sentare mpuzamakungu muri Afrika y’ubuseruko, kandi ko ashobora gutsinda urubanza.


Floxella Karire

Messages

  • Isidore ariko azira ukuri ewe burundi nn uwuvuze ukuri azokuzi ,mushingantahe Isidore gumakwibanga uzovugwe ko wokoze neza hama urabizira mugabo ntuze uvugwe ko warambiye aho uri ataco wamaze,namwe bashingwamanza murikumwe mushigikire mutaravye igihagararo cabagomba kwahava ;ndangije mbasaba gukomera kwibanga

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.