Deprecated: Unparenthesized `a ? b : c ? d : e` is deprecated. Use either `(a ? b : c) ? d : e` or `a ? b : (c ? d : e)` in /home/igihe/public_html/ecrire/inc/utils.php on line 2576
Adolphe Rukenkanya yagiranye ubwa mbere ikiganiro n’abaririmvyi - IGIHE Burundi
IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Kwidagadura > Abacuraranzi > Adolphe Rukenkanya yagiranye ubwa mbere ikiganiro n’abaririmvyi

Adolphe Rukenkanya yagiranye ubwa mbere ikiganiro n’abaririmvyi

jeudi 19 Ntwarante 2015

Umushikiranganji w’urwaruka, inkino n’imico kama aratera akamo abaririmvyi bahunze igihugu kugaruka. Avunira akagohe abaririmvyi ko ikintu cose bakeneye imbere y’ubushikiranginji ko bododora. Rukenkanya ati:"Ubushikiranganji ni ubwanyu".

Mu kiganiro yahaye abaririmvyi, umushikiranganji Adolphe RUKENKANYA atangura ahumuriza abaririmvyi bibaza ko ubushikiranganji arongoye bwabibagiye. Umushikiranganji Adolphe Rukenkanya ati : "Ubushikiranganji ni ubwanyu. Turashigikiye umwidegemvyo wo kuririmba ariko ntimurenge akarimbi. Umwe wese amenye aho agarukiriza. Mufise uruhara mw’iterambere ry’igihugu, haba mu vy’ubutunzi, gukebura, kunywanisha. Mu matora hoho mufise uruhara runini nko kutadomeka umuriro"

Umushikiranganji Adolphe RUKENKANYA aremera ko yavuganye n’umushikiranganji w’umutekano hamwe n’uw’intwaro yo hagati mu gihugu ku bijanye n’abaririmvyi Mkombozi, umurwi Lion Story, N John Melodica, na Ellyz Boy bivugwa ko bahunze kubera umutekano muke wabo. Rukenkanya Adolphe avugako abo bashikiranganji bompi bamubwiye ko ata kibazo bazi c’abo baririmvyi, ko bogaruka, bisubiriye bakitura ubutungane.

Bamwe mu baririmvyi baraho barasavye ko ubushikiranganji bwobafata nk’iyindi mirwi y’urwaruka ubushikiranganji bwahora bwitaho gusumba. Satb umwe mubari ngaho ati : "Nahora ndabwita ubushikiranganji bw’urwaruka n’inkino gusa, ariko kuva uno munsi ndashizeko n’imico kama".

Umuririmvyi Serges NKURUNZIZA nawe yasavye ubushikiranganji ko bwofasha abaririmvyi kugira ibiteramo mu makungu, nk’uko biba mu bindi bihugu.

Yoya yasavye ubushikiranganji ko bwotanga akazi muri "Office Burundais des Droits d’Auteurs" ku baririmvyi babishoboye, iciyumviro umushikiranganji yashimye kandi yashigikiye.

Yves Kami ati :"Ntidupfire mu bukene nk’uko tubona abaririmvyi batuboneye izuba bamerewe mu busaza bw’abo".

Barangije ikiganiro bemeranije ko abaririmvyi bokwitura ubushikiranganji ku kibazo cose bafise, haba imfashanyo mu gikorwa c’umuziki. Adolphe RUKENKANYA aratomora neza ko atazobuza ubutungane gukurikirana umuririmvyi yagirizwa iki canke kiriya.

Abaririmvyi bitavyo ico kiganiro ni : SatB, Yoya, Happy Famba, T Max, Silas Damara, umuhinyanyuzi Kent P, Yves Kami, Serges Nkurunziza, Chany Queen, Olga, Member, n’umwe wo muri Club Band yo kuri Hotel du Lac Tanganyika.


Cherif Nkeshimana

Messages

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.