Accueil > Amakuru > u Burundi > Ivyegeranyo bisohorwa n’amakungu ntibishimisha ubutegetsi
Ivyegeranyo bisohorwa n’amakungu ntibishimisha ubutegetsi
mercredi 3 Mukakaro 2013
Mw’ijambo umukuru w’igihugu yashikirije ari mu ntara ya Ngozi, buca Uburundi buhimbaza intahe yo kwikukira yaraneguye abantu bavuga nabi igihugu mu makungu, bakagihesha isanamu mbi.
Petero Nkurunziza yagize ati : “Kukaba nkako, hari ivyegeranyo bimwe bimwe bisohoka bigaragaza ko hari bamwe mu barundi baba bagiye kwibaraguza canke kuvuga nabi igihugu. Ni ho duhora tugwa mu gahundwe twumvise abarundi bamwe bamwe banezerwa no kwumva ivyegeranyo nk’ivyo vyasohotse, bagasa n’abasasasira. Ivyo birateye isoni n’agahinda ku bavukagihugu, kuko baba bibagiye ko utema urwiwe bamutiza umuhoro.”
Gertrude Kazoviyo, umuhinga muvy’amajambo akaba n’umwigisha muri kaminuza yamenyesheje ko vyumvikana ko umukuru w’igihugu yatwawe n’agashavu nka Sebarundi, ariko ko nyabuna ko atokwirengagiza mwene ivyo vyegeranyo, ahubwo ko yobikorerako kandi agatanga umwanya mu gihugu, abo badasangiye ivyiyumviro bakaronka aho bashikiririza ico bagona, na cane cane ko iyo agiye mu makungu yishura ku bibazo bitandukanye bijanye no kwubahiriza agateka ka zina muntu, kurwanya igiturire, n’intwaro ibereye.
- Kazoviyo Gerturde, umuhinga muvy’amajambo n’umwigisha wa kaminuza
Nk’uko yabandanije abisigura, Gerturde Kazoviyo yamenyesheje ko umuti urama ari uguha ijambo abatavuga rumwe na Leta n’abahurikiye muma shirahamwe adaharanira ivyicaro vya politike, bagaterera nabo ivyiyumviro ku buzima bw’igihugu.
Mw’ishirahamwe OLUCOME rirwanya abarya igiturire n’abanyonyeza amatungo y’igihugu bamenyesha ko ivyo bavuga ata kinyoma kiba kirimwo. Gabriel Rufyiri, umukuru wa OLUCOME yibutsa ko Uburundi butari izinga ryigenga, ko ibihakorerwa bikurikiranwa n’amakungu, ari naco gituma atawotangara hagize kimwe mu bikorerwa mu Burundi kivugwa.
Egide Nduwimana