IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > u Burundi > Ivyigwa vyerekana ko hazorwa imvura nyinshi

Ivyigwa vyerekana ko hazorwa imvura nyinshi

jeudi 21 Ruhuhuma 2013

Abahinga mu bijanye n’ihindagurika ry’ikirere barahuriye mu nama I Bujumbura,mu ntumbero yo kwiga uko ihindagurika ry’ikirere ryifashe mu bihugu vyo mw’ihembe rya Afrika.

Ku vyigwa vyakozwe mu bijanye n’ihindagurika ry’ikirere vyerekana ko kuva mu kwezi kwa Ntwarante gushika mu kwezi kwa Rusama 2013,vyerekana ko hazorwa imvura nyinshi na cane cane mu karere k’ubumanuko bw’igihugu.

Nk’uko Godefroid Nshimirimana umukuru w’igisata kiraba ivyo ihindagurika ry’ikirere ku kibuga c’indege ca Bujumbura yabimenyesheje,ivyo vyigwa vyerekana ko ibihugu vyo mu karere bizomara ibihe bito bito ata mvura igwa,iminsi ibiri gushika kuri itatu.

Tubamenyeshe ko iyo nama yahuza abahinga bavuye mu bihugu 10 bigize ihembe rya Afrika hamwe n’ibigo bikuru bikuru bikurikirana ibijanye n’ihindagurika ry’ikirere.


Mugisha van Naris

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.