IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > Ubutungane > "Ivyo nagirizwa ni irementanya ry’umugambwe CNDD-FDD"

"Ivyo nagirizwa ni irementanya ry’umugambwe CNDD-FDD"

lundi 30 Kigarama 2013

Umushingwamanza Isidore Rufyikiri avuga ko ivyo yagirizwa na sentare irwanya igiturire ari irementanya ry’ubutegetsi bwa CNDD FDD, kugira bamubuze kuvuga ibitagenda neza mu gihugu hamwe n’iterabwoba ku rubanza yashingishije aburanya Reta i Arusha muri Tanzaniya.

Mu gihe sentare nkuru irwanya igiturire yagirije umushingwamanza Isidore Rufyikiri kuba yanyotoye amahera y’ishirahamwe asanzwe arongoye CEBAC ( Centre d’arbitrage et de Conciliation’’ agera ku madorari y’abanyamerika ibihumbi 250, umushingwamanza Rufyikiri arabeshuza ivyo yagirizwa akavuga ko ahubwo ari irementanya rya Reta ryo gushaka kumutera ubwoba kugira bamubuze kuza aravuga ivyo ubutegetsi bwa CNDD FDD bukora bitari vyo.

Umushingwamanza Isidore Rufyikiri abandanya avuga ko ivyo yagirizwa atarivyo na gato, ko yoba yarihaye amafaranga atagishije inama abo basanzwe bakorana. Agira ati : "Ayo mafaranga twayahawe n’umugambi Page wo mw’ibanki y’isi yose, nta munsi n’umwe ntatanze icegeranyo c’ibikorwa vyakozwe muri ayo mafaranga." Abandanya avuga ko mbere banamuhaye agashimwe ko kuba yakoresheje neza ayo mafaranga (gestion rigoureuse). Abandanya avuga kandi ko igihe cose yaja inama nabo bakorana. Ikindi naco, ivyo bavuga ko bamuhamagaje ariko ntiyitabe avuga ko ata na rimwe yigeze yanka kwitaba.

Isidore Rufyikiri agira ati : "Ubutegetsi bwa CNDD FDD twarabumenye mu gihe cose hagize uwunegura ibikorwa bakora, ica mbere biyumvira ni kumurementaniriza kugira bamute mu munyororo." Intumbero y’ivyo bamwagiriza ku bwiwe, ni kugira bacafuze izina ryiwe, kuko bafise ubwoba rw’urubanza yashingishije i Arusha muri Tanzaniya, nk’uko bibandanya bivugwa n’uwurongoye urwego rukuru rw’abashingwamanza b’i Bujumbura Isidore Rufyikiri.


Floxella Karire

Messages

  • Niba ari irementanya ndumva vyoba bikabije kandi nawe niwaba uvuga ukuri imana izogufasha uzotsinda pe

  • Niba ari irementanya ndumva vyoba bikabije kandi nawe niwaba uvuga ukuri imana izogufasha uzotsinda pe

  • Igihugu kiragowe.None tuzomenya gute irentanya n’ukuri?Ubu ibintu vyose vyabaye irementanya,...ntamuntu agikosha,..ni akamuna.

  • Ko bavuga ko wanyotoye amahera yishirahamwe urongoye none comité executif yishirahamwe niyo yoba yarakwitwariye canke iryo shirahamwe ryegamiyeleta?ko nzi iyo atamuntu yitwaye ata rubanza ruba ruhari canke yoba ar page yamwitwariye?leta nigerageze gukora yisunze ineza ya bose ireke gutoteza abantu nayo ibitagendaneza mu gihugu bizoguma bishirwa ahabona kuko ico gihugu cacu sicibare caba dd ,igihugu kirimwo abagabo,kandi gupfunga abantu siwo muti.

  • TURAVYE URUGERO BIGEZEKO IVYO BITA IREMENTANYA AMARADIO,IBIMENYESHAMAKURU,AMASHIRAHAMWE,SOCIETE-CIVIL NA MA ONG MUZAMAKUNGU.BARAKWIYE KUJA HAMWE BAKA VYIGA NEZA BAKABIHA IZINA BIKWIRIYE.MAZE ABABIKORA BAGAHARIRWA IVOMO KUBURYO NIVYO BOKORA VYOSE VYOZA IVYEMEZO BIKWIYE CANKE BIKITWA IREMENTA KERA UMUNTU ABESHA BAMWITA (KINYOMA.)NA LETA IREMENTANYA TWOYIHA IZINA.CANKE MWEBWE ABANYAMAKURU MUKUVUGA INKIRU YAYO MWOSHIRAMWO AKANTU KEREKANA KO IYO NKURU ARIYO UWUREMENTANYE IBIHE VYOSE HOGERA IGIHE YIKEBUKA.MR6

  • mbega abarundi bamwe ko umenga turababajwe niyi ntwaro?nimba atakuri kuhari,vyose ari amanyanga uwuzoza avuga ukuri ari ikiremwa ni nde? wew nawe wifuza gukura iryo rementanya saba imana uzoturongore hanyuma uzokure ivyovyose ubona bitagenda neza.

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.