Accueil > Amagara y’abantu > Kinindo : Ivyuma bipima amafyigo vyaratanguye gukora ku bitaro Burundi (...)
Kinindo : Ivyuma bipima amafyigo vyaratanguye gukora ku bitaro Burundi Kidney Care
vendredi 11 Mukakaro 2014
Ivyuma vyo gupima abafise indwara z’amafyigo ubu biriho mu bitaro "Burundi Kidney Care" vyo muri komine Kinindo, nkuko bivugwa na muganga Joseph Nyandwi.
Muri ivyo bitaro nk’uko bivugwa n’uyo muganga asanzwe yarananonosoye ivyo kuvura indwara z’amafyigo, abarundi bazoriha amafaranga angana ibihumbi 250, nayo abanyamahanga bakariha amafaranga ibihumbi 350. Avuga ko ayo mafaranga bayaharuye basanze atakazimbo karimwo. Baharuye ibikenewe bagaharura n’ibikoresho, muganga Nyandwi akavuga ko abarundi babakuriyeko amafaranga ibihumbi 100.
Mwomenya ko amwe mu mashirahamwe ariko aragiranira ibiganiro n’ivyo bitaro, mu ntumbero yo kuzovuza abakozi babo. Abantu bari basanzwe barwaye amafyigo canke abafise ingorane z’amafyigo bahora barinda kuja kwivuriza mu bihugu vyo hanze, bakaba bagiye kuzoza barivuriza mu Burundi.
Aristide NIZIGIRE