Deprecated: Unparenthesized `a ? b : c ? d : e` is deprecated. Use either `(a ? b : c) ? d : e` or `a ? b : (c ? d : e)` in /home/igihe/public_html/ecrire/inc/utils.php on line 2576
Ivyumba vyo gushiramwo uwabonyweko ibimenyetso vya Ebola vyateguwe - IGIHE Burundi
IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amagara y’abantu > Ibiza > Ivyumba vyo gushiramwo uwabonyweko ibimenyetso vya Ebola vyateguwe

Ivyumba vyo gushiramwo uwabonyweko ibimenyetso vya Ebola vyateguwe

mercredi 13 Myandagaro 2014

Umushikiranganji w’amagara y’abantu arahumuriza abarundi ko ingingo zamaze gufatwa kugira bakinge ca kiza c’indwara ya Ebola kitarashika mu Burundi, aho ni mu gihe hari hamaze iminsi havugwa ko hoba hari umurwayi yoba yiketsweko ikiza c’ Indwara ya Ebola mu gihugu kibanyi c’ Urwanda.

Mu ngingo zafashwe rero, umushikiranganji w’amagara y’abantu Ntakarutimana Sabina amenyesha ko hari umurwi ujejwe gukurikirana indwara z’ibiza buri munsi bazinduka babaza mu ntara ko ata kimenyetso c’indwara ya Ebola coba cibonekeje. Ikindi naco amenyesha ko baguma bavugana n’abandi bajejwe amagara y’abantu mu gihugu kibanyi c’ Urwanda kugira ntihave ishikira abarundi. kuri uno wa gatatu naho, harungitswe umurwi w’abaganga ku kibuga c’indege kugira abo baganga basuzume abinjira n’abasohoka ko batazanye uwo mugera w’indwara ya Ebola.

Mbere umushikiranganji Ntakarutimana amenyesha ko hari ico bita fiche izo ngenzi zuzuza, iyo nayo yandikwako iyo umuntu avuye, kumusuzuma umucanwa, hamwe no kuraba ko adaherutse kurwara. Ibindi n’uko hari umurwi wo mu bushikiranganji arongoye uriko urakorana n’ishirahamwe rijejwe amagara y’abantu OMS kugira ukurikirane ingene ibikorwa vyo kuzitira tutaronerwa aho hose hari ubwinjiriro.

Mu gutegekanya naho mu gihe hokwibonekeza umuntu afise iyo ndwara ya Ebola, ivyumba bibiri kimwe co ku bitaro umuganwa Karori camaze gutunganywa hamwe n’ikindi cumba ku bitaro vy’umwami Khaled nk’uko umushikiranganji Ntakarutimana abandanya abishikiriza. Mu bushikiranganji bamenyesha ko wa murwi ubijejwe uriko uraraba n’ibikorwa no mu ntara za ruguru.

Mu bushikiranganji bujejwe amagara y’abantu basaba abanyagihugu kunyarukiriza kwa muganga uwo wese bokeka ko ibimenyetso vy’ ico kiza Ebola, ivyo navyo n’ubushuhe burenze, gucibwamwo, kudahwa (vomissement) , amaraso ava ahari umwenge hose, kudakunda k’umuntu amira ikintu na kimwe n’ibindi. Kubera ko bimwe mu bimenyetso vy’iyo ndwara bimeze nka Malaria, kugira uwugire gutabariza ntiyandure ababijejwe bagiye gutanguza inyigisho kugira abanyagihugu bamenye uko bovyifatamwo mu gihe bakeneye gutabariza uwufise ibimenyetso vy’iyo ndwara.


Floxella Karire

Messages

  • Poor country, poor mind and poor information. Poor minister. Go and ask for info. I want to inform you that in Rwanda there is no EBOLA virus. The one who was suspected to suffer from Ebola was not true because the results from Entebbe Laboratory revealed that it was malaria.

  • I think Minister is confused! There’s no Ebola in Rwanda. Take the measures, it’s fine but don’t lie. Let’s work together as EAC to fight against Ebola, it’s better. Tugire Amahoro!

  • Wowe witwa Ntwari, ntabwo ari byiza ko usebya umuntu bene ako kageni. Aha twe tuba tukubonye ingeso ugira. Gusa nimbi cyane. Isubireho rero. Thanks and may God bless you.

  • @deo uvuze twebwe tukuravye?%mwebwe bande???vuga uti jewe deo :;hewe ntidupfe ifoto ndamuguhebeye ;ndabona ko wapfushe ntunyicire ubusa

  • @Deo, and Kazitunga,

    Before the supposed confusion of the Burundi Public Health Minister (according your suggestion) , I think that U are confused yourself.

    It is known everywhere that Ebola is destroying our Africa. Don’t think that you may be in the paradise or at an unreachable place.

    You have to know that those who are suffering with Ebola nowadays,didn’t sin more than others!

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.