IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > u Burundi > Iyandikwa ry’ikarata ndangamuntu rigenze neza Uburundi buratera (...)

Iyandikwa ry’ikarata ndangamuntu rigenze neza Uburundi buratera imbere

samedi 16 Myandagaro 2014

Mu gihe itangwa ry’amakarata ndangamuntu risa n’iriraje ishinga abatari bake mu migambwe isanzwe itavuga rumwe n’uwuri ku butegetsi bwa CNDD-FDD, muri Reta naho babona ko inzandiko ndangamuntu hamwe n’ibiharuro, bijanye bitunganijwe neza bizotuma Uburundi butunganya neza imigambi y’iterambere.

Prosper Bazombanza, icegera ca mbere c'umukuru w'igihugu

Urunani rw’imigambwe ihurikiye mu runani rw’iyitavuga rumwe n’ubutegetsi ADC Ikibiri rwemeza ko hari bamwe mu batware bo hasi baha amakarata ndangamuntu abana batarakwiza imyaka, abandi nabo bagaha ikarata ndangamuntu zirenga kuri bamwe bamwe mu bayoboka umugambwe CNDD-FDD. Muri Reta bakaba bitwararitse uko gutanga ikarata ndangamuntu. Icegera ca mbere c’umukuru w’igihugu Prosper Bazombanza akavuga ko inzandiko ndangamuntu hamwe n’ibiharuro bijanye bitunganijwe neza, bizotuma Uburundi butunganya neza imigambi y’iterambere kandi bwinjira neza mu mashirahamwe yo mu karere ka Afrika y’Ubuseruko, kuko buzoshobora gutunganya neza ibijanye n’ubutunzi n’imibano ku neza y’abanyagihugu bose.

Bazombanza abandanya avuga ko gutunganya neza uwo mugambi bifasha mu gushikira ya migambi y’iterambere ari yo: umugambi murikiraburundi 2025 hamwe n’umugambi w’iterambere no kurwanya ubukene ugira kabiri (CSLPII) hamwe n’umugambi w’ikimpumbi ujanye n’iterambere OMD. Mwomenya ko ico gikorwa kiriko kirarangurwa muri uku kwezi kwa Myandagaro gushika muri Gitugutu uyu mwaka, ariko uburyo bukaba butarakwira, mu gihe hamaze kwegeranywa amafaranga agera ku madolari ibihumbi 42,600 kandi hakenewe amadolari ibihumbi 99.700.


Aristide Nizigire

Messages

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.