Deprecated: Unparenthesized `a ? b : c ? d : e` is deprecated. Use either `(a ? b : c) ? d : e` or `a ? b : (c ? d : e)` in /home/igihe/public_html/ecrire/inc/utils.php on line 2576
Iyindi ngingo yerekeye akarere yashizwe mu ngiro Uburundi na Tanzaniya (...) - IGIHE Burundi
IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > Ubuseruko > Iyindi ngingo yerekeye akarere yashizwe mu ngiro Uburundi na Tanzaniya (...)

Iyindi ngingo yerekeye akarere yashizwe mu ngiro Uburundi na Tanzaniya bitarimwo

samedi 4 Nzero 2014

Ibihugu bitatu kuri bitanu bigize akarere k’Afrika y’Ubuseruko vyatanguye kuva kuri uyu wa mbere Nzero umwaka w’2014, gukoresha indangamuntu imwe. Ivyo bihugu bikaba Urwanda, Uganda na Kenya, mu gihe Uburundi na Tanzaniya vyo bitashoboye kuja muri uyo mugambi mushasha kandi bisanzwe biri mw’ishirahamwe rimwe.

Iyo ngingo rero yatanguye kuri uyu wa mbere Nzero yo gukoresha indangamuntu imwe ku bihugu bitatu, ikaba itangurira ku ruhande rw’Urwanda ku rubibe rwa Gatuna mu gihe ku ruhande rw’Ubuganda iyo ngingo itangurira ku rubibe rwa Katuna, iyo mipaka rero bikavurwa ko ikora amasaha 24 kuri 24.

Amakuru atangwa n’igisata kijejwe abinjira n’abasohoka mu gihugu c’Urwanda, akavuga ko iyo ngingo ije hageze mu gihe abanyagihugu bo muri ivyo bihugu bitatu bizotuma boroherwa kwinjira no gusohoka, nk’uko abakuru b’ibihugu babishizeko umukono. Iyo umuntu ashitse ku rubibe rw’ivyo bihugu ari umunyagihugu wo muri ivyo bihugu bitatu gusa, araheza agafatwa isanamu, agaheza ndetse agatera ibikumu ivyo bigashirwa mu nyabwonko, agaheza agahabwa agapapuro gato, kamufasha kurenga imbibe, amaze gushika ku rubibe rw’igihugu naho, araheza agahabwa ikarata yitwa Entry Coupon iriko amazina yiwe, inomero y’indangamuntu, ubwenegihugu bwiwe, agaca aheza bagahabwa uruhusha rw’amezi atandatu.

Ku mpande zose rero bikaba bikorwa ukwo nyene kandi akaba atakiguzi gisabwa. Ubwo buryo bushasha rero bw’ivyo bihugu bitatu bukaba bushimishwa n’abanyagihugu, mu gihe bavuga ko kujambuka imbibe bitakigorana. Ariko igisigaye kumenywa akaba ari igituma Uburundi na Tanzaniya bitagiye muri uyo mugambi mushasha w’indangamuntu imwe, mu gihe basangiye ishirahamwe rimwe n’ivyo bihugu bitatu vy’akarere k’Afrika y’Ubuseruko.

Tukaba twobamenyesha ko ivyangobwa bisanzwe bizwi nka Laisser Passer na Passeport bizoguma bikoreshwa, ariko bikavurwa ko atakindi cangobwa cemewe gukoreshwa kiretse indangamuntu, ikarata y’ishure ndetse n’ikarata y’amatora. Nayo ku bana bato bo, bikavurwa ko bazoguma basabirwa Laisser Passer canke Passeport.


Aristide Nizigire

Messages

  • Ivyo Vyari Vyavuzwe Ko Uburundi Bwakumiriwe Ariko Bagahakana, Nibwiviremwo Hakiri Kare Butaratakaza Vyinshi.

  • "Rien ne sert a courir, vaut mieux arriver a temps".
    Usangwa u Burundi mu minsi yavuba bugiye kwigana iyo ngendo yo gukoresha indangamuntu imwe n’ivyo bihugu bitatu , abarundi tugiye twahona koko. Mbe ni nde muntu mwumvise atazi koga canke adafise equipements de nage aja gukiza uriko anywa nturi mu ruzi? Je novyita kwiroha. Noshima u Burundi bugenjeje nk’ibihugu vy’i Bulayi vyemera visa Schengen, ariko bidakoresha ifaranga bita euro. Vyo vyashimye uko, vyisunze ku butunzi, imico n’imibereho y’abanegihugu b’aho. Ku bwanje, namye mvuga ko umuzo w’u Rwanda muri EAC ari intambamyi ikomeye. Si ivyo agaseseshwa rumuri, nta muntu muri aka karere k’Ibiyaga Bigari na EAC ayobewe ingorane Museveni et surtout Kagame bateye. Mu Burundi dusanzwe dukitswe n’inzara kimwe n’amategeko ataratorerwa inyishu itomoye, none karashize ingani ngo tureke uruja n’uruza rw’abantu mu gihugu cacu? Mbe ko havurwa iterabwoba, abo bantu data aba DD bemeye bakaza ngo ni urudandazwa, ntibuzoca tukumva hari abaniguwe canke baraswe nka ces deux Colonels Mamadou Ndala de la RD Congo na Karegeya Patrick du Rwanda? Shwi data, ntawicafuz’abona. Na kare basokuru barayamaze, "ubana na suneba ugasuneba nka we" kandi "umugabo arongora umugore mubi agahusha itunga". Mutama Aristide Nizigire w’Ikinyamakuru IWACU, nta murundi/Burundi nipfuriza gutumba canke gutuna. Ayo magapon, niyumvira ko vyoba vyiza kurusha abo bandi (Rwandais, Ugandais et Kenyans) babanje kwitaratariza.

  • BARUNDI bavandimwe, jye wanditse ibi ndi umunyarwanda!!! nibyo koko mu Rwanda turi kubona inyungu nyinshi zo kwambuka umupaka hakoreshejwe irangamuntu gusa muri biriya bihugu bindi bya Uganda na Kenya!! kuba Burundi na Tanzania bitarimo ni igihombo ku baaturage bose ba EAC kuko twe twumva hari aho dukumiriwe; kandi namwe ntimwibone neza muri programmes za EAC!!! ARIKO ndahamya ntashidikanya ko kuba ibyo bihugu bibiri bitari neza muri izo programmes si ikosa rya bitatu bisigaye habe na gato!! leta y’uburundi n’iya Tanzania zizi neza ko izo ngingo zihari kandi zemerejwe mu nama bose bahari!! niba rero badashima kuzishyira mubikorwa ni uko soit batazumva neza bagikeneye kuzigaho birambuye, cyangwa bo ubwabo bashaka kwivana muri EAC!! kuko sinumva uburyo ikintu cyumikanweho hamwe kugishyira mu bikorwa byaba ikibazo!!! Murabizi neza ko buri kimwe gikorwa n’u Rwanda, Uganda na Kenya kiba cyaraganiriweho Burundi na Tanzania bahari ariko bo ntibashime kubikora bakitwaza ngo barahezwa mais non ce n’est pas le cas... IBI BYAGAKWIYE KUBAZWA LETA YANYU MURAKOZE

  • Abarundi mufite ubuyobozi bubi nimutegereze habanze haze ubuyobozi bwiza umuntu ukunda igihugu kandi ufite confidence ukuntu kera mwari muzi ibintu byiza mur abasirimu none ndebe ra cha ubuyobozi bubi bubasubije inyuma niyo mpanvu umwana uvuye Kure atinda kumenya iyo avukira nka Rohero cg mur ville Buj muba mugeze Kure mw ihangane

  • Nukoturimukigandaro ca Karegeya na Mamadou bomubihugu bibanyi bafuye bishwe nayubundi twarikubabwira ko uwobugambi arimwiza arikokuritwebwe abarundi vyobavyizatubaye turatenyenye nakare ivy’Isi nivyishitubona ko arivyiza ariko nukwitonda uwitonze amiribinoze.

  • Hopfuma na tanzaniya ,uburundi ntihari bwagere ko b uja muri EAC kuko burakenye kubera uburongozi bubi !sinumva rero icobashavuza .nibayivemwo,hakiri kare bareke kagame ,musevenina kenyata kuko barya basenyerakumugozi umwe.

  • @COLDMAN’ZI ndakubwire wa mushingantahe we, ubu tugeze muri 2014 mu kanya urumva ngo twageze muri 2015 ibintu biriko birihuta wewe ukadukwega impuzu utubuza kunyaruka ngo turi INTAMBAMYI muri EAC nibazako NTA MIGAMBI UFISE Y’UBUZIMA BWAWE kuko iyaba uyifise wakwibajije igituma BURUNDI

  • Nibarize uyumuntu yitwa Tharcisse, Mbe Tharcisse kusuzugura ubutegetsi bwigihugu wanabona abantu banka u Burundi nabarundi ugafatikanyanabo mugucurika nogucuranura u Burundi nabarundi ubona muburundi habaye abantu bameze nkawe u Burundi butorwamukaga kurutukoburi uyumusi? Tuuuuu!!!!!!!!!

  • @Karikurubu
    NTA MURUNDI AFUNGURA INDYA Z’UMUGAYO
    Mr. Karikurubu, usangwa uri umunyarwanda unashima imigabo n’imigambi ya votre seigneur Kagame, iruka ariko ntunce ko. Nta na kimwe nfise ntegeka Leta y’u Burundi, ariko nkumenyesheje ko abarundi tutariko duca kubiti canke tugirire ishari ivyo bihugu bibanyi. Abarundi twarikukiye, nta bucangero tunagomba. Ugomvye, allure economique abarundi tuzofata umunsi izi ndyane za politique zizoja mu buryo, tes Kagame et Museveni ntibazobona iyo u Burundi bwaciye. Binasubiye, "nta bagabo babiri baronkera rimwe, baba basemana". Ico noba ndakumenyesha ntariy’umunwa, nta developpement economique benegihugu bokwishimira mu gihe bari mu ntwaro y’umukazo n’iterabwoba. N’aha mu Burundi, hasigaye gatoyi ubus’abarundi dufunguke twese mu mitwe twoye kumera nk’ubusimbirahamwe (aho umwe wese ashaka kuba Umukuru w’igihugu). Uwobaza abarundi bashigikiye ico ciyumviro cawe, wibaza ko boba bangahe(50) plus( ) wewe(1)? Urumviriza ku maradiyo ukuntu abahinga babisigura neza kandi mu rupfasoni. Ushatse no ng’aha kuri runo rubuga, bagenzi bacu barabisiguye akatari gake. N’abamenyeshamakuru bacu mbona basa n’ababitahuye pe. Usangwa uri umunyepolitike, urambabarira ariko urabe ukundi ubigenza kuko abarundi basigaye baraciye ubwenge.

  • @Coldman’Zi mu kinyarwanda ducumugani ngo UBUZE ICYO ATUKA INKA ARAVUGA NGO DORE ICYO GICEBE. nzi neza nta gushidikanyako: mwari mubikeneye kandi igihe cyari kigezeko EAC COUNTRIES MEMBERS bagira politique imwe kubirebana n’urujya n’uruza(libre circulation transfrontière) ku bantu n’ibidadazwa. None politique yiwanyu imeze nk’iyo mu myaka 50 iheze. IT IS TIME TO WAKE UP AND OPEN YOUR MIND. mu rwanda ndaziko hariho regime dictatoriale, ariko ibyo biri muri POLITICAL SPACE. ariko economy iracyagerageza, ibi rero aba presidents bacu bakoze bizongera economie yacu. WIKWIHAGARARAHO KUKO NTA MUGABO YGIRA AGIRWA N’ABANDI

  • Wewe Karikurubu birantangaje kubona abanyarwanda nabarundi turamahasa ariko ukaba utaramenya ko abarundi babonakure hamubona hariho ibintutubona nivyazahabona ndibaza kariho muzocamwongera kwiyibutsako abarundi kotubonakure arikondaziko hariho abanyarwanda beshi tubibonakumwe.

  • @ Mama, jyewe ndi umunyarwanda kandi nemerako abarundi mureba kure nk’uko ubyivugira. Nimba utigirisha mbwira impamvu yatumye uburundi na TZ bikumirwa muri iyi gahunda? ndibazako ntawukurasa niwabivuga, ikindi mwivugirako mufite democracy isumba iyacu mu kuvuga icyo mushaka cyose(at this point,i agree with u) Vuga rero iyo mpamvu uyitomore n’abandi batabizi babimenye. Ikindi murindiriye iki? murindiriye nde? kugirango muvuge uko kuri? So according to me, Burundi must learn a lot of lessons in GOOD GOVERNANCE.

  • Karikurubu, Mwebwe nimwabamufise mu Rwanda good Governance Twebwe mu Burundi dufise nice Governance. Kuvyerekeye naho impamvuyuko tutatanguriyekimwe namwe mwuwomugambi sinumvako rwoburubanza kuko Burundi nigihugu cikukiye mumwaka wa 1962 urumvarero kudakwiye kugifata nkintara ya Kibungo, Ruhengeri, Cangugo, nizindizikukira Kigali!!! Rekandakwibutseko umurwamukuru wuburundi kwari Bujumbura’ ivyorero tuzobijamwo arikosunomusi , Arikonubwobirukwo abanyarwanda murincuti zokumutima kandituzokorana dusangiyevyishi urandamukiriza abanyarwanda.

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.