Deprecated: Unparenthesized `a ? b : c ? d : e` is deprecated. Use either `(a ? b : c) ? d : e` or `a ? b : (c ? d : e)` in /home/igihe/public_html/ecrire/inc/utils.php on line 2576
Iyugururwa icese y’isoko mfatakibanza ya COTEBU - IGIHE Burundi
IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Ubutunzi > Iyugururwa icese y’isoko mfatakibanza ya COTEBU

Iyugururwa icese y’isoko mfatakibanza ya COTEBU

jeudi 19 Ruhuhuma 2015, par IGIHE

Kubungabunga isoko mfatakibanza ya COTEBU, gukingira ico cose coza kuyonona, kudandaza bakurikije amategeko, gukingira ibidandazwa vyabo mu mashirahamwe akinga impanuka, izo ni zimwe mu mpanuro zashikirijwe na Gerevasi Rufyikiri icegera ca kabiri c’umukuru w’igihugu mu gihe yararamutse yugurura icese isoko mfatakibanza ya COTEBU.

JPEG - 341.2 ko
Gerevasi Rufyikiri icegera ca kabiri c’umukuru w’igihugu

Mu gatondo ko kuri uno wa kane, niho isoko mfatakibanza ya COTEBU yugururwa icese inyuma y’imyaka ibiri abadandaza baburiye ivyabo mw’isoko nkuru ya Bujumbura bayirindiriye. Mw’ijambo yshikirije, Gerevasi Rufyikiri yabanje gusaba imbabazi ku buryo ivyo bikorwa vyatevye, kuko basanze batokwubaka ibibandahori, bakaba baciye babanza kurondera uburyo. Yashimiye abadandaza ku bwitonzi bagize, bakarindira. Akaba yashimiye abo bose bafashije, nk’ibanki ijejwe iterambere BAD, ishirahamwe ry’ubumwe bwa buraya, abakozi ba Reta, n’amashirahamwe atandukanye.

Gerevasi Rufyikiri, icegera ca kabiri c’umukuru w’igihugu yasavye abadandaza bazokorera muri iryo soko gukingira ibidandazwa vyabo mu kuja mu mashirahamwe akinga impanuka. Gerevasi Rufyikiri yabasavye kandi kudasubira kubika amahera yabo mu masoko, ahubwo bayajane muma banki. Yabasavye no kwizera ca kigo gitoza amakori n’amatagisi OBR hamwe no kuja inama n’ingingo n’ishirahamwe ryatsindiye itunganywa ry’iyo soko.

JPEG - 284.4 ko
Gabriel Kabura aserukira abadandaza

Gabriel Kabura, umukuru w’abadandaza nawe yashimye ko iyo soko yuguruwe, ariko yibutsa ko hakiri abahora bapanze nabo nyene mw’isoko nkuru ya Bujumbura bakibaza ico bagiye kuba kuko nabo ibidandazwa vyabo vyahiriye mw’isoko ya Bujumbura, bakaba batashoboye kuronka ibibanza muri iyo soko mfatakibanza ya COTEBU.


Floxella Karire

Messages

  • Imana ishumbushe ababuze ivyabo mwisoko nkuru ya bujumbura ibahezagirire kurako gato mwaronse abataronse nabo hanga amaso IMANA izobaha ivyo mwabuze mu bantu

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.