Deprecated: Unparenthesized `a ? b : c ? d : e` is deprecated. Use either `(a ? b : c) ? d : e` or `a ? b : (c ? d : e)` in /home/igihe/public_html/ecrire/inc/utils.php on line 2576
Izindi ngirakamaro z’umuhwi ku magara yacu - IGIHE Burundi
IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > Utuntu n’utundi > Izindi ngirakamaro z’umuhwi ku magara yacu

Izindi ngirakamaro z’umuhwi ku magara yacu

lundi 8 Nyakanga 2014

Umuhwi nk’uko ni mwiza cane ku magara yacu, ariko kandi barawukoresha nk’umuti. Ni vyinshi rero twowuvugako.

Abashakashatsi baravuga ko gufungura umuhwi kenshi bituma igipimo c’ isukari yo mu maraso kidahindagurika ivyo bikabuza kudahwa mu gatondo (les nausées matinales). Mu bihugu bimwe bimwe nka Thaïlande, icamwa c’umuhwi kirafasha abavyeyi bibungenze kumva bamerewe neza mu mubiri no mu bigumbagumba, kuko gufungura umuhwi bigabanura ubushuhe bw’umubiri, bigatuma abana bavuka bafise ubushuhe butarenze.

Iyo naho umuntu yaraye anyoye cane inzoga mu birori akavyuka amerewe nabi, ni vyiza ko yofata umusururu w’ umuhwi akawuvanga n’ubuki, umuhwi ucufasha gutezurira umushishito, ubuki nabwo bukongereza isukari mu maraso, ivyo bigatuma aca amererwa neza.

N’uwipfuza guheba itabi, umuhwi uramufasha kuko urimwo ivyunyunyu "vitamin B6, potassium, magnésium" bituma umubiri utumva cane inyota y’itabi. Kandi iyo umuntu ariwe n’agakoko (piqûre d’insecte) arashobora gufata igishishwa c’umuhwi harya indani akahasiga aho yariwe n’agakoko, biragabanura kuribwa ku mubiri no kuvyimba.

Ivyo vyose bikatwereka ingene icamwa c’umuhwi ari ngirakamaro cane ku magara y’umuntu, kandi akaba ari n’umuti ku ndwara zitari zike. Arico gituma bishobotse twoza turawufungura iminsi yose.


Nadege Irakoze

Messages

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.