Accueil > Amakuru > u Burundi > Jabe : Abatora ivyatawe mw’iyarara bagirizwa gutuma umunuko ukwira (...)
Jabe : Abatora ivyatawe mw’iyarara bagirizwa gutuma umunuko ukwira imicungararo yose
vendredi 21 Ntwarante 2014
N’aho abategetsi batandukanye b’igihugu badasiba gusemerera basaba ko isuku ku masoko y’igisagara ca Bujumbura ryokubahirizwa, imyanda usanga iharangwa ikahakurwa mu gukinga indwara z’ivyaduka kubanyagihugu, isoko ya Jabe yo siko bimeze, kuko umwanda usanga inyuma y’iyo soko urenze.
Amakuru amwe amwe ava mw’ishirahamwe risanzwe rijejwe gukura imyanda mu gisagara, ni uko baja gukura iryo yarara rimwe mu ndwi canke mu ndwi zibiri, ivyo navyo bigaca bituma usanga iryo yararara ryaduze hejuru, ku buryo utoshobora kuritandukanya n’umusozi. Abazana inkorofani zuzuye iyarara ritandukanye, baza ku bwinshi, mu gihe ibiva muri iyo soko, ibiva mu buriro butandukanye buri hirya no hino y’iyo soko, eka no mu mazu yo mu micungararo, usanga ari vyinshi.
Iruhande y’iryo yarara, ukaba uhasanga abariko barahokereza ibigori, abandi ugasanga bariko barahashonera ibirato, eka hari n’abo usanga bariko barahafungurira. Abadandariza mu micungararo bimwe mu vyamwa n’ibindi nk’imboga, bakamenyesha ko bafise ingorane, kuko umunuko uva muri iryo yarara ubabangamiye, ndetse indwara z’iva kuguhema nabi canke kw’isuku rike zikaba zishobora kubatera.
Abadandariza muri iyo micungararo, bakavugako atakundi bari bugire, ariko ingorane bafise, ari ukumara umunsi wose bicaye muri uyo munuko, atahandi uri buhungire. Bakavuga ko abasongera isibe nabo, ari abaza guhiga amakara n’ibindi bisigarira vyatawe muri iryo yarara, barishwiragiza mu guhigamwo ivyo batwara, umunuko nawo, ukarwira kurusha. Basaba ko ishirahamwe SETEMU ryoraba uburyo ritora iryo yararara nka kabiri mu ndwi, kugira baze bararibakiza, ritararwira, canke ngo ribore.
Aristide Nizigire
Messages
21 Ntwarante 2014, 13:51, par Kabizi
None Leta vyarayinaniye gukura umucafu mu gihugu?
Yotanga imihoho!