Deprecated: Unparenthesized `a ? b : c ? d : e` is deprecated. Use either `(a ? b : c) ? d : e` or `a ? b : (c ? d : e)` in /home/igihe/public_html/ecrire/inc/utils.php on line 2576
Jacob Zuma yejejwe n’ubutungane bw’igihugu ciwe - IGIHE Burundi
IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > Muri Afrika > Jacob Zuma yejejwe n’ubutungane bw’igihugu ciwe

Jacob Zuma yejejwe n’ubutungane bw’igihugu ciwe

jeudi 19 Kigarama 2013

Reta y’Afrika y’Epfo yejeje umukuru w’igihugu Jacob Zuma mu kumenyesha ko atarengeje urugero nk’uko vyarivyavuzwe koyononye amatungo ya Reta mu gihe yariko arasubiramwo inyubakwa yiwe, bavuga ko ivyo bikorwa vyatwaye amafranga agera ku miriyoni 15 y’amanyaburaya.

Ivyo bikorwa vyari bikenewe kugira bongereze umutekano ku nzu yiwe, vyamenyeshejwe n’umushikiranganji w’ibikorwa vya Reta Thulasi Nxesi, mu gihe yariko ashira ahabona icegeranyo c’amatohoza yakozwe na Reta. ‘’Nta rufaranga na rumwe rwa Reta rwakoreshejwe mu gusubiramwo inyubakwa y’umukuru w’igihugu Jacob Zuma , niko yasubiyemwo amenyesha.

‘’Ibikorwa vyo gusubiramwo inyubakwa ya Jacob Zuma vyabaye mu ntumbero yo kowngereza umutekano wiwe. Ama Reta yose yigenga arafise uburenganzira bwo kwongereza umutekano w’umukuru w’igihugu cabo n’uwo umuryango. Umukuru w’igihugu c’Afrika y’Epfo ntiyigeze asaba ko bamushiriraho ivyo bintu vyose vyo kwongereza umutekano wiwe ahubwo n’ubushikiranganji bwo kwivuna abansi bwagize uwo mugambi.

Mu kwezi kwa myandagaro ,ikinyamakuru Mail and Guardian carashize ahabona icegeranyo c’umuhuza ajejwe amadosiye ajanye n’igiturire hamwe no kunyonyeza amatungo Ya Reta, aho basaba ko Zuma ategerezwa gusubiza ayo mafaranga yakoreshejwe. Muri ico cegeranyo bakaba bavuga ko ayo ma kajugujugu, ibitaro hamwe n’inzu y’igipolisi vyose, ubwogero bita piscine, inzu izokwakira abashitsi, aho barabira amareresi, uruhongore runini cane, ico cegeranyo cavuga ko ataho bisa bisana n’umutekano w’igihugu.

Mwomenya ko haciye umwaka umwe abatavuga rumwe n’ubutegetsi biyamiriza isesagurwa rirengeje ry’ubutunzi kandi abanyagihugu bakitswe n’ubukene aho abantu bagera ku miriyoni 10, babayeho kubera imfashanyo (aide sociale).


Floxella Karire

Messages

  • Hububutungane bwa sud Africa bwakoze ibyo busabwa ntago umuyobozi yabamunzu idatungane. bwagize byizaaaaa. Zuma akwiye kuba ahantu hatunganye Hamwe nabakenyezi biwe. BIKUNDIRA UMUCO

  • BARIYA BA KENYEZI BA MANDELA UGOMBA KUJYA UBASURA KUKO. UKABABAHAFI MUTUBASO TWABO NTIBASIGARE BONYINE . NIBYOKOKO BIRAGORA ARIKO UKANYARUKIRAYO. NIBAMUCO WIWANYU UBIKWEMERERA. NTAMUYOBOZI WOKWIRIRWA MUBUTUNGANE ABAFISE BYISHI BYOGUKORA

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.