Deprecated: Unparenthesized `a ? b : c ? d : e` is deprecated. Use either `(a ? b : c) ? d : e` or `a ? b : (c ? d : e)` in /home/igihe/public_html/ecrire/inc/utils.php on line 2576
Jacob Zuma yiyemeje gukurikiza iragi rya Mandela - IGIHE Burundi
IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > Muri Afrika > Jacob Zuma yiyemeje gukurikiza iragi rya Mandela

Jacob Zuma yiyemeje gukurikiza iragi rya Mandela

jeudi 2 Nzero 2014

Umukuru w’igihugu ca Afrika y’epfo, Jacob Zuma, mu gihe yariko yipfuriza umwaka mwiza abanyafrika y’epfo, yarasubiriyemwo bimwe mu migambi bashaka kubandanya mu mwaka wa 2014, na cane cane umugambi w’umuhisi Nelson Mandela wo kunywanisha, mu gihe hasigaye amezi make amatora akaba.

"Dutegerezwa kubandanya dukorera hamwe muri uno mwaka w’2014 kugira twubake Afrika y’epfo turota, tukazokora dukwirikije imigambi y’umugambwe ANC yo kwubaka Afrika y’epfo, abanyagihugu bafatanye mu nda, ata macakubiri ariho." Ivyo vyashikirijwe n’umukuru w’igihugu ca Afrika y’epfo Jacob Zuma. "Dutegerezwa kwubaka Afrika y’epfo ituma abantu bakora ibintu bikomeye ubwabo, hamwe no ku gihugu cabo. Mwime mbere amatwi abantu babaca intege, yaba imigambwe itavuga rumwe na Reta canke amasendika. Dutegerezwa kwubaka igihugu kirimwo ubuzi, igihugu aho umwe wese azoterera mw’iterambere ry’igihugu."

JPEG - 20.8 ko
Jacob Zuma, umukuru w’igihugu ca Afrika y’epfo

Jacob Zuma abandanya amenyesha ko igihugu ca Afrika y’epfo bategerezwa kucubaka bakurikije akarorero k’uwahoze ari umukuru w’igihugu ca Afrika y’epfo, Tata Nelson Mandela yitavye Imana ku genekerezo rya 5 Kigarama 2013, ku myaka 95. Umukuru w’igihugu Jacob Zuma, muri iryo jambo yashikirije ati : " Ivyo Nelson Mandela yaharaniye bitegerezwa kuja imbere muvyo dukora vyose, tubandanye dukurikiza iragi yadusigiye. Dutegerezwa kubandanya kunywana no guhuza igihugu cacu kirimwo ubwoko butandukanye kugira ukubana hagati y’abadasangiye urukoba bibandanye neza mu mahoro.

Umukuru w’igihugu ca Afrika y’epfo, Jacob Zuma yasavye abanyagihugu gufatana mu nda bataravye amadini, ubwoko, igitsina, mu ntumbero yo gukuraho utugorane twose duhanze igihugu. "Afrika y’epfo itegerezwa kwitaho abana yavyaye, nk’uko Mandela yabitwararitse."


Floxella Karire

Messages

  • Nivyiza ko arfica yose nayo yobikurikiza kuko nakarorero keza yadusigiye.

  • Nivyiza ko arfica yose nayo yobikurikiza kuko nakarorero keza yadusigiye.

  • Nisunze ijambo ryavuzwe nanyenicubahiro umukuruwigihugu wa South afrika yavuze binyeretseko ivyigihuguciwe caciyemwo bisanivyabaye muburundi, Kukobiryayavuze ubibwiye abarundi bosanga atanahamwe wihenze kukonatwe abarundi ayomajambo nkayo niyodukoresha mugutsimbataza ubumwe bwabarundi.

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.