Deprecated: Unparenthesized `a ? b : c ? d : e` is deprecated. Use either `(a ? b : c) ? d : e` or `a ? b : (c ? d : e)` in /home/igihe/public_html/ecrire/inc/utils.php on line 2576
Jacques Bigirimana: ʺAmajwi bariko baraha UPRONA mu matora yabaye (...) - IGIHE Burundi
IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > Poritike > Jacques Bigirimana: ʺAmajwi bariko baraha UPRONA mu matora yabaye (...)

Jacques Bigirimana: ʺAmajwi bariko baraha UPRONA mu matora yabaye siyoʺ

mercredi 1er Mukakaro 2015

Jacques Bigirimana arongoye umugambwe FNL wemewe n’ubushikiranganji bw’intwaro yo hagati mu gihugu, amenyesha ko ibiriko biratangazwa n’iradiyo ku majwi y’umugambwe UPRONA urongowe na Concilie Nibigira binyuranye n’ibiri mu vyegeranyo.

Umukuru w’umugambwe FNL wemewe mu bushikiranganji bw’intwaro yo hagati mu gihugu avuga ko ku bijanye no kwitaba amatora hamwe n’umutekano w’amatora vyagenze neza.

Naho biri ukwo, Jacques Bigirimana avuga ko ku vyo ababaserukira babonye kandi bateyeko umukono ku vyegeranyo, bitandukanye n’ibiriko birashikirizwa n’iradiyo ku majwi y’umugambwe UPRONA n’urunani COPA.

Jacques Bigirimana avuga ko mu bice vyinshi umugambwe FNL waza imbere y’umugambwe UPRONA n’urunani COPA, ariko ko ubu ayo majwi yahindutse. Asaba CENI kubikosora hakiri kare, uwo mugambwe utaranka ivyayavuyemwo.


Van Naris Mugisha

Messages

  • Ahubwo siwe wobona.wagira ngo wivye umugambwe ngo ntibizokubana amazi?timba indya y’ubusuma ntawe yereye.

  • Hahaha,reka kudutwenza naw yakobo,wagira umuntuyabiriwe naba dd avyariki?ibihumye,rwasa yariyamirije itunganywz ryamatora ngo tera iyo sema,koma musosi wandagara

  • ntabubasha ufise ugira ngo siwewe witoye nugore wawe numugenziwawe ntiyagutoye utanguye kubesha ngo wazubwambere ntusharwa izikwikiye zanse nketwse uburokera

  • None wagiye urekuye amatwi utazigukina game
    reka bagucemwo wiyemeje ivyo utabajije ubuharageze kubibona ahubwo ukanka aho bagushira bace baguha igiti

  • Ahubwo ntimumaramara mbega mwajagamwo gukori? Canke nyabanwanyi mubakuye? Ariwewe ari uporona murawunwa abafise abanwanyi baranse kuja munkinamico.

  • None wagiye gukina urukino utazi reka bagucemwo niho womenyako akananiye umugabo kananira nuyundi ubuwabonyeko ugira wibwe ugira utangure kuvuga yamuhe kumbura wemere ahobaguta nahonyene wase ibihano birakurindiye

  • ewe gihugu cacu carapfuye ababoyi bose hiiiiiiiiiiiiii

  • Ihangane bakwibe nawe wivye umugambwe Rwasa Agathon. Ingero ugereramwo abandi niyo nawe ugererwa.

  • Ihangane bakwibe nawe wivye umugambwe Rwasa Agathon. Ingero ugereramwo abandi niyo nawe ugererwa.

  • Ihangane bakwibe nawe wivye umugambwe Rwasa Agathon. Ingero ugereramwo abandi niyo nawe ugererwa.

  • Ehe uwo nawe! Hahahaaa! Ubabwegerinyuma nguri mumatora utazivyurimwo! Ah ubwo ntavyo bazi! Hora ureke kwitwenga! Ko wayashima abandi babona kure babona kwatamatara! Rindira nibindi uzobibona

  • Nta gitangaza kirimwo kuko mandat yiwe yaheze

  • Sindabahenda mwebwe mwenyene murayaryaniramwo noneho namatora kuri mwebwe amakungu n’abarundi banka ihohoterwa ayo samatora kuko atitabwe na bose ahubbwo musubiremwo mutunganye ukundi gusha nayahandi ntayo murimwo mwanze ubugoro

  • Hahaha ew Jacques urambabaje pe! koma musose!waja guherekeza umusazi utaziko aguhindukiriye bica bikomera?

  • Muratanguy abandi bababuza mukanka kwumva nimuvyemere ukonyene kuko inyanka kubwirwa ibwirwa uruko yiboneye pole sana wajama.

  • warakutikiye ubwije bas dd ntabo waruzi ubu gwasa bamuhaye amajwi atabasavye 2010 biraboneka ko yari yatsinze amatora abarundi ntuzokwemera ayomanyanga ngo namatora bigirimana nawenu uriboneye ko mutama gwasa mutangana twosaba gwasa kudasamara ngo yemere icokinyoma guko turizera neza kwariwe azosubirira nkurumbi.

  • Vyiyankire Nakare Harimwo Amanyanga Nakare Ujana Nigisuma Ukitwa Igisuma

  • Wabigiramwo iki. Vyategerezwa kugenda gutyo. Ntanumwe yatoye Concilie ariko bategerezwa kumuha amajwi kugira umugambi wabo ubandanye, warakosheje jacque ntiwari kuja murayo mafuti. Ubu saho amatora tutegure kandi twitegurire ingwano, ntakindi abaszosigara Nuko nyene

  • Haahahahahah! Mbega uyu mugabo Jacques Bigirimana ari mu biki? Kare hose yari azi ko hari amatora ariho? Résultats zizwi kuva kera. Mbega ninde yamubwiye ngo aje mu bintu bitabaho? Akabi gatwengwa nk´akeza. Iyo débat atuzanamwo ni faux. Le vrai débat est: quand est ce qu´on va organiser les vraies élections kuko ntiziraba mu gihe cose amategeko adakurikijwe co kimwe na climat politique iri prêt(kwugurura amaradios, retour des réfugiés, dates d´élections zumvikanyweko na bose, etc. Mais avant tout, le retrait de la 3ème candidature de Peter kugira constitution(art 96 et 302) nk´uko les juristes de l ´EAC babivuze yubahirizwe et bien sûr na les accords d´Arusha. None Jacques we yibereye mu ndirimbo zasabwe :)

  • NIYEMERE AHO INTAHE ISHIZE

  • Baguhaye ayagukwiye kuko waramenje kwifatanya n, abasuma nawe urumusuma nkabo yivye mandan ya3 nawe nukome niko bimeze.

  • ndashimye ndanejerejwe Nuko bayakwatse bakayaha concilie urasara jacque uri rofa pe. ayo mafuti yabo ba skizofrene wayagiramwo iki. amatora ntaraba kuko ntakirangamisi turapfundika reka uwo peter ari skizofrene abe aridigadiga. turakirasa ntagisivya bassi . Rindira le 26 aout zigere arawunywa pe . Nta bindi turagwana hazosigara uwo Imana ikunda

  • Hahaaa yalaaalaaa!! Uratey isoni nimb uri jac maramar wew kubwaw warugomb angah ko mbon utumva!! Ugasubr kurekarama bac bagufata baguh inkoni muri iryobuy ngo numutwe nabado!! Rekera mze rwasa

  • Rekaayabone umugabi cedeefudde niwawmibiye umugabi warwasa narekeguteriduru niyabandanya barawumwaka uyomugabwe

  • We sha Jacques reka kwitenga kuko ntabanywanyi ugira. Usangwa ijwi ryawe rimwe witoye baritanze riburane !!!!

  • None ga Jacques ugomba wanke ivyo mwavuganye?ugakomeza ku reclament urabasubiza inzu yabo baguhaye canke bakumese.canke aba dd urabibagiye? ni fye!!!

  • None ga Jacques ugomba wanke ivyo mwavuganye?ugakomeza ku reclament urabasubiza inzu yabo baguhaye canke bakumese.canke aba dd urabibagiye? ni fye!!!

  • Uwo gabasha ko yagiye mumatora atamunywanyi afise akoresheje inama ikitabwa nimbonerakure bakanamumaramaza mukubashira mumboneshakure ababazi bakababona. None burya yibaza ko zirya mbonerakure zizomutora. Nawe nabe yiyumvira nkumunyapô. Kwama inyuma yabandi abafasha gusa amanyanga nakagaye kabi. Igihambaye nuguhagarara nkumugabo ushoboye apana gukina po wihetse inyuma yabandi

  • Uwo gabasha ko yagiye mumatora atamunywanyi afise akoresheje inama ikitabwa nimbonerakure bakanamumaramaza mukubashira mumboneshakure ababazi bakababona. None burya yibaza ko zirya mbonerakure zizomutora. Nawe nabe yiyumvira nkumunyapô. Kwama inyuma yabandi abafasha gusa amanyanga nakagaye kabi. Igihambaye nuguhagarara nkumugabo ushoboye apana gukina po wihetse inyuma yabandi

  • Mwisutse mumarike rekabaturire

  • Nyakubahwa jaqeu harimwo amajwi yagwasa birashoboka k abakurabiye bashizehamwe naya gwasa kand usanzw uzik mutarikumwe

  • Basha iyi ko ari inkuru iryoshe rwose.
    Ubwo ntubona ga Jacques ko wwewe na Peter ataho mutaniye ? Ubwo weho ntibari baguhanuye ngo ntuje mu matora ? Mugabo kubera ko ushigikiye ikiringo ca Peter warayitavye aho kwifatanya nabandi. Waruzi ko bazokugirira impuhwe guko wabaherekeje mu mafuti. They don’t care about you my dear. Ca c’est une tres bonne lecon wari washatse kuba Buzire ndabwirire ugira ngo bazoguha ministere canke bagusubirize Rufyikiri. None aho uganyira nde ko twese ahubwo bitunezereye.

  • Hahahaha.inda ndende ihumira irya.wariye ivyabandi wibazko utazobisubiza.mbegako wahora wirigwa uracoza uwo mwagendanye, umucinyiza kubera inda ndende, basha yaraye akweretse ko arumugabo wijunja nijambo .mbega amatora uyavamwo kuki?

  • SHA WIHENDE UYAVEMWO TUKUMESE TURAKUGORORA ASHA NTAMUPFUNYUNYU USIGARANA NUKO KUGURU UCUMBAGIZA BIZOHERA HEWE WIHENDE TURAKUBONA

  • Mukwiye kugira indero,kirazira kwifatira umuntu mu gahanga,iyo niyo pô mufise?Jacques ni mumureke murabe ivyanyu kuko mbona namwe bibagoye

  • Mbega Jacques mumuhora ko yavanye na Rwasa?none ko hariho abandi baheruka kuvana n’uwo Rwasa nyene bakemera kubandanya amatora none nabo nyene muzoca mubatuka?muraraba ko ikibazo kitari kuri Rwasa

  • Ico nobabwira nuko Jacques abaruta,umuntu wese yanditse amajambo yo kumutyoza novuga ko ari umuhimbiri w’imburakimazi,kuko afata umwanya wiwe wose atuka umuntu atazi

  • Ivyo Bavu ashikirije ndabishigikiye,nimba mwaburaniwe ni mwihange mwemere ishati zanyu zicuye,nayo Jacques arabaruta ndabibabwiye

  • Ewe.yakobo. Ww. Waruziko. Ufite. Abanywanyi. Baraguhenze. Baguha. Imbonerakure. Rwasa. Yakubwiye. Ati. Igumire. Muvyuya. Vyomukwaha. Kwa. CNDD. Uzovayo. Uhiye. Nn. Utangiye. Kurira. Nturabibona. Raba rwasa. Ntiyitoza. Ariko. Bakamutora. Niwikebuke. Kubwawe. Ntacuzoronkana rwasa. Kandi. Azogutwara. Amizero. Y’Abarundi

  • Reka kuba mwitiranya ibintu,turazi ko Jacques afise abanywanyi biwe kandi bamwemera,kuba yaravanye na Rwasa ntibisigura ko aca aja mukwaha kwa dd,mbe ko muvuga ko muzi ibintu,mwomparurira abantu bamaze kuvana na Rwas uko bangana?canke Jacques niwe mwigiyeko kuvuga?imbwa zose zivuga Jacques,ndababwire urya mumurere murabe ivyanyu

  • Kandi ikindi nobabwira uwo Rwasa mwamiza mu kanwa s’Imana kandi n’Imana hariho abatayemera,ijambo ry’Imana rivuga ngo"Avumwe uwizera umwana w’umuntu".

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.