Accueil > Amakuru > u Burundi > Jacques Bigirimana : Abagandaguye ababikira nabo bakwiye kwicwa
Jacques Bigirimana : Abagandaguye ababikira nabo bakwiye kwicwa
mardi 9 Nyakanga 2014
Umukuru w’umugambwe FNL, Jacques Bigirimana amenyesha ko umugambwe arongoye utera ivyatsi urupfu rw’agashinyaguro rwashikiye ababikira batatu b’abatariyano bo kuri paruwasi ya Guido Maria CONFORTI bagandaguwe babanje gufatwa ku nguvu. Jacques Bigirimana asaba ko abokwagirwa n’ico caha nabo nyene bokwicwa.
Mu mugambwe FNL barahoza abarundi bose, abatariyano, abakirisu hamwe na Papa, bakamenyesha ko baguye mu gahundwe bumvise ubwicanyi bunyamaswa bwakorewe ababikira batatu b’abatariyano. Jacques Bigirimana, umukuru w’umugambwe FNL amenyesha ko abakoze ubwo bwicanyi bafise izindi ntumbero, agasaba amakungu ko atoca afata abarundi bose nk’abicanyi. Jacques Bigirimana yasavye ko Reta yokoresha uburyo bwose bushoboka amatohoza anyaruke, abagandaguye abo babikira bamenyekane, kandi bahanwe vy’akarorero. Abanyagihugu begereye ahabereye iryo bara, hamwe n’abandi bose basabwe gufashanya n’inzego z’igiporisi mu kurondera abo bicanyi.
- Jacques Bigirimana, umukuru w’umugambwe FNL
Mu gihe abagandaguye abo babikira bofatwa, mu mugambwe FNL urongowe na Jacques Bigirimana basaba ko bohanishwa igihano co gupfa kuko nabo basheshe amaraso, kandi bagakora icaha giteranya Uburundi n’amakungu. N’aho ico gihano cakuweho mu Burundi, Jacques Bigirimana avuga ko inama nshingamateka yovyiga ico gihano kigakoreshwa ku bazoba bafashwe ico caha kikabagira.
Egide Nduwimana
Messages
9 Nyakanga 2014, 15:13, par nzakayo
Hari ibintu bitangaje kabisa uyo Jacques Bigirimana yoba akomeye mu mutwe mbega abishe abana bo mu kibimba, buta, abanyamulenge,teza, mukike, bugendana, matongo,karuzi,kumabarabara ..., ko utabasabiye urwo gupfa?
9 Nyakanga 2014, 16:53, par macedoinewanje
Mutama Nzakayo, ko utashizemwo abatemaguriwe kuri University nabatuririwe mu mapine muri za Nyakabiga, Musaga nahandi? Abarundi muri umuti wamenyo kabisa
10 Nyakanga 2014, 11:38, par Kaburundi Isaac
Attention cher Journalistes!!!! Ngo ababikira bishw babanj gushurashuzwa, ivyo mwabivuz muganga atarapima! Munyuma ngo ntago bashurashujwe. ubu naho ngo uwukekwa yiyemerey k yabish abanj kubashurashuza!!! igitanganj nuko muciy muvuga ng uwo muntu arakomey neza mumutw, knd mutanamupimishij knd mutamujanye kwa rujanti Gihosha ari nahafi. Mwirinde ibihushane.
Uwo muri news Burundi ngo Ambassadeurs wacu muri belgique yamubwiye ko bishwe n’abanyarwanda begereye ubutegetsi bashuditse n’ikibiri avant toutes enquêtes. kuki muguma muduh inkuru zirimwo contradictions? Ntimugakine n’ikibazo c’ubwicanyi. Ibiziga bibandanya gutorwa kuri rweru knd ntamuco turaronka. Karaciye ingani bamwe bice namwe mutume twofatirwa ibihano knd vyos bivana n’amukuru mutanga? Ntimugashikuze ngo mudute munryane.