Deprecated: Unparenthesized `a ? b : c ? d : e` is deprecated. Use either `(a ? b : c) ? d : e` or `a ? b : (c ? d : e)` in /home/igihe/public_html/ecrire/inc/utils.php on line 2576
Jacques Bigirimana arashima ko Rwasa Agathon yagiye mu nama (...) - IGIHE Burundi
IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > Poritike > Jacques Bigirimana arashima ko Rwasa Agathon yagiye mu nama (...)

Jacques Bigirimana arashima ko Rwasa Agathon yagiye mu nama nshingamateka

jeudi 30 Mukakaro 2015

Umukuru w’umugambwe FNL wemewe mu bushikiranganji bw’intwaro yo hagati mu gihugu Jacques Bigirimana arashimira umukuru w’Urunani rw’Abigenga Amizero y’Abarundi Agathon RWASA ku ngingo yafashe yo kuja mu nama nshingamateka.

Jacques Bigirimana yavuze ko Agathon Rwasa ari umunamarimwe ahejeje kubaha agateka,akamenyesha ko ari abayoboke ba Rwasa Agathon canke abayoboke biwe,bose vyabanezereje,kandi ko ari ingingo ihambaye.

Jacques Bigirimana yavuze ko ari intambwe ishimishije kandi ko bayishigikiye bose nk’abanamarimwe,kuko mbere yatumye Rwasa Agathon aronka ikibanza gihambaye mu biro vy’inama nshingamateka.

Mwomenya ko Rwasa Agathon yatowe ngo abe icegera ca mbere c’umukuru w’inama nshingamateka y’Uburundi kuri uno wa kane igenekerezo rya 30 Mukakaro.


Van Naris Mugisha

Messages

  • maramara neza nuko ataco ubona ushobora gukora nayo cnndfdd izobanunuza ihejeje ice ibacira kurya umuntu arya bazoka hama ubusose buheze akayicira niko bazobagira wait and see!!!!

  • Nukuri Jacque Bigirimana ntabeshe ivyo Rwasa yakoze abataribake mubarundi bafashaka irdyane izarizozose iyozivazikagera twavyishimiye.

  • Reka reka kwevugusha sha jack .atari wewe kwishira mu kwaha kwa cndd fdd Ubu ntitwari kuba aho turi

  • Ewe sha Jacque uraryohey ubu arashimye ko agufashije gutora ibisigazwa vya ba dd nzokwemera kushimy nowamusaba imbabazi ugatako ukamusubiza umugambwe wiwe. Ariko ico nobamenyesha muburundi hagowe nyarucari birirwa baramena agahanga nayo abategetse ntacobapfa bapfa inda kandi ntabwoko burimwo nkaba ndaginje mpojej aba fnl nimiryango imaze kubura ababo bazira kwitwa abanywanyi ba fnl sinorangiza ntateye ivyatsi rwasa kuko iyo yemera kuja mumatora aba yararos amajw meshi gusumba ayo bamuhometseko abahutu imana yaravumye

  • Rwasa amaraso ya banyamurenge wanyoye mu gatumba azagukoraho werekanye kuri umuhemu njye mbona imbwa ifisi agaciro ku kurusha imbwa ntiyigera ihemukira namba umuryango ibamwo irubaha igakurikuza amategeko yu mu rugo ibamwo none raba uhemukiye abo mwafatanije urugamba rwo gukingira constitution na accord d’arusha ariko wibagiwe ivyo bakoreye umudamu wawe bashaka kumugandagura

  • Navyemere Nayahandihoho Nacoyoshitseko Harya Umugabo Wubwenge Agaya Arya Ntubona None Kwatanguye Kurya Ayareta Agatho Rwasa We Bigapu Sana Mugabo Nyabenda Na Nduwina Ntaciyumviro Azo Serura Kk CNDD FDD turakomeye sana

  • Ewe Jaque Utey’isoni Mbega Ko Gwasa Yari Yaragusavye Ngo Muje Hamwe Mugir’ubumwe Ukanka Ubona Wunguts’iki?Ntumaramara?Ndi Nkawe Sinovuga.@

  • Jacques, Uri Igihushajambo Kweli Mbe Ntakindi Ubona Atari Ibibanza? Mbe Ubu Ninde Yagutumye Kuvugira Abanamarimwe Ba Rwasa? Kandi Aho Ngo Wagomba Gutwara Igihugu? Ati Ntambwa Itacigeze! Nawenu

  • Twebwe Abanyagihu Turagushimiye Kumajwiyacu wabonye Ko Atoba Ipfagusa Abanyakayogoro Turashima

  • Birazwi neza ko uri nda yamutaye,kandi uri intambira kiza .Inda yawe izohaga ivu aho utabuka ngo ivy’isi uzobimarira muri iyo nyaga yawe. Mbe kubera iki misi yose wama ufise ivyo uvuga ni kubera iki? uwutakuzi yogira ngo uri incabwenge!!!! ce sont des tonneaux vides qui font beaucoup de bruit vraiment!!!!!!!!!!

  • turanejerejwenuko agathon rwasayagiyemunamashingamateka ariko ikibazo?jacques aravyentabonakoyariyamutwaye umugambwewiwe turamukejenibafatanyekugorora igihugu natwe abanyagihugusinziturarindiriye ikizovamwo

  • Mubisanzwe uwomugabo Gaston nabe areka gusamaza abantu kuko iyo umuntu amaze kuronkubusa mubantu barenga imiriyoni zine zatoye ntajambo narimwe abagifise ahubwo abakwiye guhunga kuko baba bamaze kubona ukwari ivyobiganiro barondera bona concilie nibabitegurire munziwabo kuko ntanumwe bifitiye akamaro

  • Ewe Yakobo urateye isoni!Utanguye kumwiyitirira.Umugani wa wamuririmvyi ati "IYO URI MU BIBAZO ABANTU BIFUZA KO UTOBIVAMWO,ARIKO IMANA IGUTABAYE BATI NATWE TWARAGUSENGEYE CANE ".Shika neza imbere yiwe usabe ikigongwe ucunyaruka kwa Edwarudo gukurayo ivyowakoze.Uzobawiteye iteka,abawe,abarundi,abarundikazi n’amakungu,uzoheza ubone umugisha.

  • Manahezagira uburundinabarundibabubamwomutibagiye abanyepolitike.nkukowaraye uhezagiyenyenicubahiro umushingantahe agathon rwasa abarunditwesetusengeri igihugucacu abapadiri abapasiteri abasenyeri nabandibakirisubemera imanamusengere igihugu ndangijeshimira agathon rwasaweyemeye agashirahintaheshije ndababajemwebwemurongoye umugabwe urikubutegetsi kohari imigambweyarase amajwimake nku,0%mbegabobo abemeye ivyavuyemumatora ntakibanzanakimwe muzobaha

  • ntamurundi numwe yifuza amahoro numutekano atoshima umushingantahe rwasa umurundi yarayamaze ati ntagiti kigukora mumaso kabiri fnl oyeeeeeee

  • @gakire. Rwasa ni umugabo kuko yatahuye umugambi wa ampire hima tutsi wo kurimbura abahutu akabagendera kure. ubundi i BURUNDI hari umu opposant umwe uzwi witwa RWASA abandi ni ukumoka mkimisega kuko batagira abantu. Bashakaga ngo bamukore ikiraro cyo kubona imyanya muro gouvernement none ubu amarira yabamaze. Nibakenyere bumve uko ubuhunzi buryana...ibyabo byarangiye ubu bameze nk.ibiceri birara bisakuriza abantu.

  • jacques wee aba fnl bakurikira indingozi ntibakurikira aba chef nejo na hirya yejo ubimenye ko Rwasa agusumba umucanwa yose ntawowabonye none ngo ugiye kwisongha rya fnl nivyiza kumukeje ukimera kwagusumba mwegere aguhubure

  • Jacques ntagir’ubwenge kweli!!Uravye n’ibitutsi yatutse Rwasa,akongera akavuga ko amwirukanye mu mugambwe,ubu naho kweli yari kwubahuka kuvuga ngo Rwasa n’umunamarimwe kandi yahora abihakana?N’aho ivyo Rwasa yakoze bitanezereje,ndamukeje kubona yareretse ico kijuju Jacques k’umugambwe atari impapuro,ko ahubwo ar’abanwanyi!!!!!!!!!!

  • Jeaque bigirimana yavuzeneza cane kandi yavuzibibari

  • Ntakuntu Jacque yoreka kunezerezwa nuko Rwasa agiye mumabanga yigihugu kandi aricobamwifuriza muri 2010 ariko amosha yibimwenyi akamutwara agaheriheri mwibuke karivyovyatumye bayoberana mwebwerero muriko murasuzugura Jacque canke Rwasa ejobundu barasibira barabumwe mutangare kukoicobapfuye nuko umweyacugango twofatikanyenabandi mumabanga ya reta uwoyari Jacque, Rwasa nawe atoya kuberanyene ibimwenyi vyari vyamwogeje ubwonko.

  • Turabishima Ariko Areke Umuvyeyi Wabarundi Petero Nkurunziza

  • ivyawe turabizi mbega urehemuka kugezaryari harageze kumwiyegereza mbega urazi inperayawe egera uryawavugira aguhe agoton ntavyomugihurirako imigambiyawe nanditije ntagiticomukoramumaso2 gatayeri habimana bigiraimana mwesentakamaromwotumarira murabahemu

  • Mutama. web komera kumuheto uwarivuze aze aryumeko kandi nogusaba nkuko wazigamye umugambwe warugiye kuzimangana ariko urawubungabunga none harageze akaryo keza nkuko mwamye murabanamarimwe komusubira hamwe mugakomeza umugambwe.

  • vrm birababaje kubona mutama adekona,nkakury. abaphuye,baraphuy kubwiwe.mb kabuki yemeye icogisata, iyavugakoyitoje ntitwarikumutor? kuvyukuri ababaje bensh. niyibuke ingene abanya rubira ingene bamufashemund.mutam birababaj.

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.