Accueil > Amakuru > Poritike > Jacques Bigirimana yatowe guserukira FNL mu matora y’umukuru w’igihugu
Jacques Bigirimana yatowe guserukira FNL mu matora y’umukuru w’igihugu
lundi 4 Rusama 2015
Jacques Bigirimana niwe yatowe kugira azoserukira umugambwe FNL mu matora yimirije mu Burundi.
Mu nama rukokoma yatunganijwe n’uyo mugambwe, Jacques Bigirimana niwe yaciye agenwa mu kuzoserukira umugambwe FNL mu matora y’umukuru w’igihugu. Mw’ijambo ryiwe, Jacques Bigirimana yashimiye abanwanyi b’umugambwe arongoye FNL bari bahejje kumwizera mu kumushira imbere, mu kwiyamamariza ikibanza c’umukuru w’igihugu mu matora. Iyo ndongozi y’umugambwe FNL yahamagariye abarundi kubandanya baharanira amahoro, kugira matora aze abe mu mahoro. Arongera akanamenyesha ko uwo mugambwe naho utahamagariye abanwanyi bawo mu myiyerekano, badashigikiye na gato ikiringo ca gatatu c’Umukuru w’igihugu, Petero Nkurunziza, ari naco gituma bagiye hamwe n’abitura Sentare y’ubahiriza ibwirizwa shingiro, kugira badadanure ivyerekeranye n’ikiringo ca gatatu ca Petero Nkurunziza.
Uwo mukuru w’umugambwe wa FNL akongera agashima ijambo ryavuzwe n’Umushikiranganji wo kwivuna abansi, aho nawe yasavye abanyeporitike kubahiriza ibwirizwa shingiro ndetse n’amasezerano y’i Arusha.
Alida S.
Messages
4 Rusama 2015, 12:21, par nzoza yunus
uwo afise ingorane zokuba president, pita ntazogukundira tout muzogwanira kiriryo gufa tout kurya imbwa zigwanira igufa
4 Rusama 2015, 16:31, par asuman
bitinde bitebuke amatora azoba kandi ahotuzoshyira turahazi,ninayo mpamvu bamwe bafashe inzira y’umugumuko ngo bayaburizemwo.
4 Rusama 2015, 16:38, par Jean Paul
Uyumugabo yakobo avuga mgwiki mgwiki nareke kuvuga yamuhe nagwizibikogwa nyambabishoboye nayiyontebe yicayenwo ntanumwe itobera ninyoni mucari, irabegwa.
4 Rusama 2015, 17:14, par nyawayo
tanga igitekerezo cyubaka uburundi atari ugutukuna peter amategekeo ntamwemerera kwitoza narondere uwundi wamusimbura
7 Rusama 2015, 18:31, par Gil Ntihebuza
Mukabona Jacques yitoje,muze mumutore tuze twatwarwa numubo,twikureko abo banyaruguru bama batuzanamwo amanyanga.Komera Bigirimana Yakobo.Nino iburaya tuzoyaguha .