Deprecated: Unparenthesized `a ? b : c ? d : e` is deprecated. Use either `(a ? b : c) ? d : e` or `a ? b : (c ? d : e)` in /home/igihe/public_html/ecrire/inc/utils.php on line 2576
Jacques Vergès, “umushingwamanza w’abayobe” yashengeye - IGIHE Burundi
IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > Mu makungu > Jacques Vergès, “umushingwamanza w’abayobe” yashengeye

Jacques Vergès, “umushingwamanza w’abayobe” yashengeye

vendredi 16 Myandagaro 2013

Umushingwamanza, Jacques Vergès, batazira “ uwabayoba” yaraye yitavyimana ku myaka 88. Yabaye umushingwamanza w’abatwaje umukazo n’abandi bagirizwa amaraso. Imanza bamwe bafatako zitaburanirwa.

JPEG - 24.4 ko
Umushingwamanza Jacques Vergès

Jacques Vergès yitavyimana kuri uyu wa kane ahitanywe n’indwara t’umutima. Uyu munshingwamanza batazira “umushingwamanza w’abayobe” akaba ashengeye ku myaka 88. Afise akabira k’ubufaransa. Yavutse mu 1925 mw’izinga rya Réunion, arahakurira gushika ku myaka 17. Se akaba ari akaba akomoka muri iryo zinga nyene, nyina nawe akaba yamuka muri Viêtenam.

JPEG - 6.6 ko
Umushingwamanza Jacques Vergès

Jacques Vergès akaba azwi cane kuba ari umushingwamanza yaburaniye abantu bagirizwa ivyaha bikomakomaye vy’amaraso. Kuva 1955 aho yatangura akazi ko kuburanira abantu gushika aho yitabiyimana, yaburaniye abantu nka:

Pol Pot, umukuru w’umurwi w’abarwanyi bitwa Khmers rouges :
Djamala Bouhireb, umugore wo muri Algériya yari yaciriwe urwo gupfa ariko yaburaniye gushika aho agirirwa ikigongwe ;
Laurent Gbagbo, uwahoze ari umukuru w’igihugu ca Côte d’Ivoire;
N’abandi benshi bagirizwa ivyaha bikomakomeye. Bavuga ko ndetse yari umushingwamanza w’imanza zaciwe kandi zatsinzwe.

Jacques Vergès akaba yari yatanze izina ryiwe mu kibanza co kuburanira n’abantu bantu bazwi nka Saddam Hussein, Slobodan Milosevic na Mouahammar Khadafi. Mukryica umurwa akaba yari yivugiye ati: “Niyo nza kuronka akaryo, narikuburanira Adolp Hitler”.


INGABIRE Luc-Noël

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.