Deprecated: Unparenthesized `a ? b : c ? d : e` is deprecated. Use either `(a ? b : c) ? d : e` or `a ? b : (c ? d : e)` in /home/igihe/public_html/ecrire/inc/utils.php on line 2576
Jakaya Kikwete yashinzwe ayandi mabanga - IGIHE Burundi
IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > Muri Afrika > Jakaya Kikwete yashinzwe ayandi mabanga

Jakaya Kikwete yashinzwe ayandi mabanga

mardi 2 Ruhuhuma 2016, par egide

Uwahoze ari umukuru w’igihugu wa Tanzania, Jakaya Kikwete yagizwe intumwa idasanzwe y’’Umuryango w’Ubumwe bwa Afrika mu gihugu ca Libya, mu ntumbero yo kugarukana amahoro n’umutekano muri Libya

Mu gatondo ko kuri uwu wa mbere, inama ishinzwe amahoro n’umutekano mu muryango w’ubumwe bwa Afrika niho yamenyesha ko Jakaya Kikwete yagizwe intumwa idasanzwe y’uwo muryango muri Libya, mu mugambi wo kugarukana amahoro muri ico gihugu kigira kimare hafi imyaka itandatu kiri mu ntambara z’urutavanavanako, kuva Muamar Gaddafi yari umukuru w’igihugu wa Libya yishwe mu mwaka w’2011.

Amakuru dukesha The Citizen amenyesha ko Jakaya Kikwete agiye mu kibanza cahoramwo Umunyajibuti, Dileita Mohamed Dileita.

Igihugu ca Libya kiri mu bibazo vy’umutekano na poritike, ubu ico gihugu kikaba gifise Reta zibiri, imwe ikorera mu buseruko bw’igisagara ca Tobruk, iyindi nayo ikaba ikorera ku murwa mukuru Tripoli.

Jakaya Kikwete yabaye umukuru w’igihugu wa kane wa Tanzania kuva mu mwaka w’2005 gushika mu mwaka w’2015, inyuma yo gutwara ibiringo bibiri yikurikiranya. Yasubiriwe na John Pombe Magufuli, nawe nyene aturuka mu mugambwe CCM (Chama Cha Mapinduzi) wa Jakaya Kikwete.


IGIHE

Messages

  • Bamushinze amabanga agoye. Ariko nico cerekana intwari. Ariko vyari kuba vyiza ico gikorwa gikozwe n’aba nya Burayi canke USA kuko nibo batumye karya kajagari ko muri Libiya kaduka.

  • Haaaaa! None Ubwo Bumwe Bwakoze Iki Ko Mbona Abakwegeye Ingorane Lybia Ubwo Bumwe Butavyanka. Ivyo Nivyo Bagomba Gushiramwo Uburundi.

  • Malaisi wa inci za africa wameshindwa gutatuwa tatizo ya burundi ambapo wanainci wanaendereya kuwawa na selekali ya peter nkurunziza.halafu wapeyana vyeo.Ni mushangao mkuu!

  • NDC, ndagutera ariko ntiwotora uwuturira ngo ni abe ari aza kuzimya. harageze ko twikurako abanyaburaya na Amerika kuko nibo bapfukamye mu nda Afrika.hakenewe intwari z’abanyafrika, nk’uku babigenjeje mu Burundi, zanka néocolonisation.

    Raba mu Burundi nta yindi ndirimbo abanyaburaya baririmba atari jenocide kuko kuribo marché iba ibonotse.

  • Ndavyishimiye, nuyundimwanya urenzuwo azowuhabwa umutama wacu.

  • None American nuburaya bashaka ivyobakoreye libiya arivyo m ukorera n uburundi? Kandi iyo UN niyo itera akajagari kw’isi kugira baronke ivyuzuza imifuka yabo

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.