Deprecated: Unparenthesized `a ? b : c ? d : e` is deprecated. Use either `(a ? b : c) ? d : e` or `a ? b : (c ? d : e)` in /home/igihe/public_html/ecrire/inc/utils.php on line 2576
Janviere Ndirahisha:" Umunsi wo gutangura umwaka w’ishuri uzomenyeshwa mu (...) - IGIHE Burundi
IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > Amashuri > Janviere Ndirahisha:" Umunsi wo gutangura umwaka w’ishuri uzomenyeshwa mu (...)

Janviere Ndirahisha:" Umunsi wo gutangura umwaka w’ishuri uzomenyeshwa mu minsi ya vuba"

lundi 7 Nyakanga 2015

Umushikiranganji w’indero inyigisho za kaminuza n’ubushakashatsi asaba abayobozi b’amashuri yisumbuye batarashikana amanota y’abanyeshuri bo mu mwaka w’icumi kuyajana mu maguru masha kugira hatangure igikorwa co kurungika abanyeshuri mu gice ca kabiri c’amashuri yisumbuye.

Ahejeje gutanguza ibikorwa vyo gutanga inyigisho ku bigisha bazokwigisha mu mwaka w’icenda w’ishuli nshingiro,umushikiranganji Janviere Ndirahisha yavuze ko izo nyigisho bariko bazitanga nkuko zatanzwe ku bigisha bigishije mu mwaka w’indwi n’uwo umunani w’ishuri nshingiro.

Umushikiranganji w’indero inyigisho za kaminuza n’umushakashatsi Janviere Ndirahisha,yavuze ko ku kibazo c’ibitabo bizokoreshwa mu mwaka w’icenda,ivyo bitabo vyamaze kugurwa kandi ko mu minsi mike bigiye gushika mu Burundi.

Ku kibazo co kumenya umunsi umwaka w’ishuri w’2015-2016 uzotangurira,umushikiranganji Janviere Ndirahisha yavuze ko iryo genekerezo rizomenyekana mu minsi ya vuba,ivya nkenerwa vyose bimaze kuboneka n’abigisha bazokwigisha mu mwaka w’9 bamaze guheza ivyigwa.

Janviere Ndirahisha yavuze ko ivyabaye mu gihugu vyatumye haba ukwikwega kw’umwaka w’ishuri uheze mu mashuri amwe amwe,ari naco gituma umwaka w’ishuri ushobora gutangura utevye iminsi mike.

Mwomenya ko amashuri amwe amwe y’abigenga yatanguye kwigisha kuri uno wa mbere igenekerezo rya7 Nyakanga 2015.


Van Naris Mugisha

Messages

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.