Deprecated: Unparenthesized `a ? b : c ? d : e` is deprecated. Use either `(a ? b : c) ? d : e` or `a ? b : (c ? d : e)` in /home/igihe/public_html/ecrire/inc/utils.php on line 2576
Ubuyapani : Ku myaka 100 yatahukanye igikombe mu mahiganwa yo (...) - IGIHE Burundi
IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Kwidagadura > Ubuyapani : Ku myaka 100 yatahukanye igikombe mu mahiganwa yo (...)

Ubuyapani : Ku myaka 100 yatahukanye igikombe mu mahiganwa yo kwoga

mardi 7 Ndamukiza 2015

Mieko Nagaoka, yabaye umugore wa mbere afise imyaka 100, yatsinze mu mahiganwa yo kwoga. Uwo mugore akaba yagenze imetero 1500 ariko aroga mw’isaha imwe n’iminota 15.

Mieko Nagaoka aturuka mu gihugu c’Ubuyapani yamenyekanye nk’umugore wa mbere kw’isi yagenze imetero 1500 ariko aroga, ku myaka 100. Uwo mugore akaba ariwe wenyene yagiye guhiganwa mu bantu bafise imyaka iri hagati y’100 n’104.

Mieko Nagaoka yatangaje abantu batari bake, mu gihe ari umugore wa mbere afise imyaka 100 abonetse akora amahiganwa yo kwoga mu mwanya ungana n’isaha imwe irenga iminota 15. Mu gihe uwo mugore yariko aroga, yari ashingikiwe n’abantu batari bake.

Uwo mugore avuga ko atagiye guhagarika amahiganwa yo kwoga mbere ko azobandanya gushika ku myaka 105 niyaba akiriho.

Mieko Nagaoka yatanguye kwoga (Natation) ku myaka 80 y’amavuka, mu gihe yariko akora imyimenyerezo y’ukuguru kwiwe kwari kurwaye. Mu nyuma yahavuye abikunda mbere atangura no kwitaba amahiganwa yo kwoga. Ku myaka 99 niho yaronka igikombe ubwa mbere mu mahiganwa yo kwoga, mbere yaranasohoye igitabo umwaka uheze yishimira ivyo akora.

Mwomenya ko mu gihugu c’Ubuyapani, atari Mieko Nagaoka wenyene amaze kumenyekana mu mahiganwa yo kwoga, Hidekichi Miyazaki afise imyaka 104 nawe nyene yatsinze mu mahiganwa yo kwoga, aho yagenze imetero 100 mu masegonde 29 arenga gato.

Messages

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.