Deprecated: Unparenthesized `a ? b : c ? d : e` is deprecated. Use either `(a ? b : c) ? d : e` or `a ? b : (c ? d : e)` in /home/igihe/public_html/ecrire/inc/utils.php on line 2576
Inyuma yo gutsinda muri Primusic 2014 yasohoye ururirimbo rwa (...) - IGIHE Burundi
IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Kwidagadura > umucuraranzi > Inyuma yo gutsinda muri Primusic 2014 yasohoye ururirimbo rwa (...)

Inyuma yo gutsinda muri Primusic 2014 yasohoye ururirimbo rwa mbere

vendredi 23 Nzero 2015

Jean Marie Christian NINTERETSE yatsinze ihiganwa rya Primusic ry’umwaka w’2014 yasohoye uririmbo ryiwe rwa mbere. Uwo muririmvyi asanzwe ari mu murwi AGATI K’IMANA Music ati : "Ndaje ubutagisubira inyuma".

JPEG - 24.2 ko
Igihe Christian yatsinda Primusic 2014

Ururirimbo rwa mbere rukozwe ku gatwe k’umuririmvyi Christian Ninteretse rwitwa "Ndaje", yarukoreye mu nzu y’ubuhinyanyuzi "Studio Centre Ubuntu" n’umuhinyanyuzi Hervé Nkunzimana. Uwo muririmvyi ati :"Ndaje singisubira inyuma". Urwo ruririmbo ruvuga ko yinjiye icese mu murwi w’abaririmvyi mpuzamakungu. Ku bw’ivyo ategekanya gukorana (collaboration) n’abandi baririmvyi bo mu Burundi nka Sat B, Fizzo, Kidum, na Yoya eka n’abandi kuko yemeza ko afashe urugendo rw’abaririmvyi.

Christian Ninteretse avuga ko agiye kuririmba indirimbo z’ubwoko bwose, zaba izihimbaza Imana canke iz’isi, kuko wewe ashaka gusohora ibiri muriwe vyose cane cane kuryoherwa biciye mu muziki. Ariteguye kuba umuserukizi wa Brarudi mw’ihiganwa rya Primusic ry’uno mwaka.

Tubibutse ko Christian yatsindiye imiriyoni 20 z’amarundi mw’ihiganwa rya Primusic 2014. Nk’uko vyagenze no ku bandi, afitaniye amasezerano y’umwaka yo gukorana ibijanye n’umuziki n’ishirahamwe Brarudi biciye muri Primusic.

JPEG - 71.6 ko
Hervé Nkunzimana yakoze ururirimbo "Ndaje"

Umviriza ururirimbo "Ndaje"


Cherif Nkeshimana

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.