Accueil > Amakuru > u Burundi > Jean Minani arahakana ko ata murwi urwanya Reta ukoresheje ibirwanisho (...)
Jean Minani arahakana ko ata murwi urwanya Reta ukoresheje ibirwanisho arimwo
mercredi 6 Nzero 2016
Umukuru w’umugambwe FRODEBU Nyakuri Muganga Jean Minani arahakana amakuru avugwa ko ashigikiye umurwi w’abarwanyi barwanya Reta y’Uburundi bakorera mu buseruko bwa Republika iharanir intwaro rusangi ya Kongo.
Yishura ku bibazo vy’Iradiyo y’abafaransa RFI, Muganga Jean Minani yavuze ko ivyo yagirizwa ari ububeshi kuko ata cemezo na kimwe kihari kivyerekana.
Ku bijanye n’imirwi yoba ikoresha ibirwanisho kugira irwanye ubutegetsi,Muganga Jean Minani yavuze ko mu gihe abantu baciye mu nzira z’amahoro kugira batorere inyishu ikibazo ariko bikanka bashobora guhitamwo gukoresha inguvu.
Muganga Jean Minani yavuze ko ibiganiro ari ngombwa kandi ko bategerezwa kubijamwo kuko ata yindi nzira nimwe yoshobora gutorera inyishu ikibazo c’Uburundi atari ibiganiro.Yavuze ko naho hoba intambara impera n’imperuka umuti uboneka biciye mu biganiro.
Vyari bitegekanijwe ko ibiganiro bitangura kuri uno wa gatatu igenekerezo rya 6 Nzero 2016 i Arusha,ariko Reta y’Uburundi yashikirije ko itavyitaba kuko hari ivyo batumvikanyeko nk’itariki n’abategerezwa gutumirwa mu biganiro.
Amakuru dukesha iradiyo y’abafaransa RFI amenyesha ko Reta y’Uburundi yoba yasavye ko ibiganiro vyoba kw’igenekerezo rya 15 Nzero 2016.
IGIHE
Messages
6 Nzero 2016, 09:05, par Louis
Minani we ntasoni kugwanya mwene wanyu ndababaze Minani, Nyangoma, Sinduhije, Audifax, Rajabu ninde azotegeka ko mbona mwese muvyipfuza tutibagiye abatutsi kuko nabo barabikeneye nimurekere Peter kushika muri 2020 hanyuma mwitoze ingumvu ntaho zizobageza
6 Nzero 2016, 10:47, par ZAYI
RETAYUBURUNDI,YATETEMEYE
6 Nzero 2016, 11:10, par Muri
None reta yankuziza niyo itegeka ibihugu vya afric koitanze itariki ntamuhuza abaho
6 Nzero 2016, 12:11, par INTAGOHEKA
EWE MINANI URATEY IKIGONGWE MWAVUZE NGO NKURUNZIZA RETA YIWE NTIYEMEWE NAMATEGEKO NGO KANDI NTAKIRIPRESIDA UBUMURASHAKA KUGANIRA NANDE? NTIMWOGENDA MUKAGANIRA NA NYAKUBAHWA WANYU REONARD NYANGOMA MWEBWE UBWENGE MUFISE BUSUMBWA NUBWINKOKO
6 Nzero 2016, 12:12, par INTAGOHEKA
EWE MINANI URATEY IKIGONGWE MWAVUZE NGO NKURUNZIZA RETA YIWE NTIYEMEWE NAMATEGEKO NGO KANDI NTAKIRIPRESIDA UBUMURASHAKA KUGANIRA NANDE? NTIMWOGENDA MUKAGANIRA NA NYAKUBAHWA WANYU REONARD NYANGOMA MWEBWE UBWENGE MUFISE BUSUMBWA NUBWINKOKO
6 Nzero 2016, 17:02, par Démocrate SINDUMUJA
Iryo n’irementanya kuk umuhar bavuz afis watanguy kumenyekana ahitwa NTUNDA (RDC) kuva 2013 iyo leta ntakindi izi atari irementanya
7 Nzero 2016, 01:23, par Mpozamarira Erias
Ingorane nabonye abobagabo bafise, iyo bumvise ibiganiro imitwe irabashuhana bakabura amahoro, uko niko bamye kwama bahindagura amatariki ! jewe davyita ubugaba.muzorabe namwe umwana wi kigaba iya bavyeyi bamutumye icakora atangura kurira ngo ndiko ndaribwa munda nawe yi komereye,abonabo bategerezwa kurondera ibizibizi nibindi nibindi. Minani nawe ukonukurondera aho bamukura, yi yo bamaze imisi ibiri atawe barementanirije ntamahoro. rero iyo ningeso yamaze kubijira mumaraso kugira izobavemwo isi izoba igombihere. iconobabwira ntanyungu iri mukurondera kushaka kwica mweneso, abwo umwanya mutakaza muri kugirinama abomwonse rimwe mwozishira mubikorwa vyokwibesha igihugu cova mubukene gifise unomusiiii.murakoze.