Accueil > Amakuru > Muri Afrika > Jean Pierre Bemba yaciriwe urubanza
Jean Pierre Bemba yaciriwe urubanza
mardi 21 Ruheshi 2016, par
Sentare mpuzamakungu mpanavyaha yahanishije ugupfungwa imyaka 18 uwahoze ari umukuru w’abagwanyi, Jean Pierre Bemba, kubera ivyaha vyo mu ntambara no gufata abagore ku nguvu.
Bemba yagirijwe mu kwezi kwa gatatu ivyaha yakoreye mu gihugu kibanyi ca Centrafrique mu 2002 na 2003. Yagirijwe kandi kuba atabujije abagwanyi biwe kwica no gufata abagore ku nguvu.
- Jean Pierre Bemba yigeze kuba icegera c’umukuru w’igihugu ca Repuburika iharanira intwaro rusangi ya Congo
Ababuranira Bemba ntibashimye urubanza rwaciriwe uwo baburanira, bakavuga ko bazokwunguruza.
Jean Pierre Bemba yigeze kuba icegera c’umukuru w’igihugu ca Repuburika iharanira intwaro rusangi ya Congo, akaba yari arongoye umugwi w’abagwanyi ba MLC, mu gihe c’intambara yabaye muri ico gihugu.
Inyuma y’amasezerano yo guhagarika intambara muri ico gihugu mu mwaka w’2003, yarashize ibirwanisho hasi aja muri Reta mfatakibanza.
IGIHE
Messages
22 Ruheshi 2016, 06:30, par MUYAHUDI
NIMUZ MURAHASHA IMBURU ZOSE ZIKORA BENIRYOBARA! KANDI BIGWIRIY MURI AFRIKA.
22 Ruheshi 2016, 10:34, par tari
Nimutunyarukirize no muburundi hoho ntamatohoza akenewe kuko abicanyi babigira kumugaragaro ntibihisha kandi ivyaha birirwa baradukorera birahuye neza naneza nibihanwa niyo sentare