Deprecated: Unparenthesized `a ? b : c ? d : e` is deprecated. Use either `(a ? b : c) ? d : e` or `a ? b : (c ? d : e)` in /home/igihe/public_html/ecrire/inc/utils.php on line 2576
Jeffrey Feltman yaje kwirabira uko ibintu vyifashe m’u Burundi - IGIHE Burundi
IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > u Burundi > Jeffrey Feltman yaje kwirabira uko ibintu vyifashe m’u Burundi

Jeffrey Feltman yaje kwirabira uko ibintu vyifashe m’u Burundi

samedi 2 Ruhuhuma 2013

Icegera c’umunyamabanga mukuru wa ONU ajejwe ibibazo vya politike Jeffrey Feltman ari m’urugendo mu gihugu c’u Burundi kuva kuri uno wa gatanu igenekerezo rya 1 Ruhuhuma 2013,akaba azobonana n’umukuru w’igihugu Petero Nkurunziza.

Nk’uko Jeffrey Feltman yabimenyesheje igihe yashika,muri urwo rugendo,uwo mutegetsi mw’ishirahamwe mpuzamakungu ONU azoganira n’abagize Leta,abaserukira imigambwe hamwe n’abaserukira amashirahamwe yigenga.

Intumbero nyamukuru rero y’urwo rugendo ngo ni iyo kumenya ukuri no kwirabira uko ibintu vyifashe mu gihugu hamwe no gushigikira ibikorwa vy’ishirahamwe mpuzamakungu m’u Burundi.

Tubamenyeshe ko Jeffrey Feltman ari umunyamerika,akaba amaze imyaka 26 akorera mu gisata ca politike n ‘imigenderanire, yagenwe kurongora igisata ca politike muri ONU mu kwezi kwa Ruheshi 2012.


Mugisha Van Naris

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.