Accueil > Amakuru > Muri Afrika > Jenerali Ntaganda yaraye ahunze
Jenerali Ntaganda yaraye ahunze
mardi 19 Ntwarante 2013
Umushikiranganji w’imigenderanire y’u Rwanda n’ayandi makungu akaba n’umuvugizi wa Leta, yaremeje ko, Jenerali Bosco Ntaganda yahoze mu mihari igwanya Leta ya Congo nka CNDP na M23, yahungiye mu gitondo co kuwa 18 Ntwarante mu buserukizi bwa Leta zunze ubumwe za Amerika I Kigali.
Umushikiranganji Louise Mushikiwabo yabitangarije ku muhora ngurukanabumenyi wa Leta y’u Rwanda.
Ubushikiranganji bw’imigenderanire bwa Amerika nabwo bwaremeje ayo makuru bubicishije ku muvugizi wabwo Victoria Nuland. Uwo yamenyesheje ko Ntaganda ubwiwe yisabiye ko Leta zunze ubumwe za Amerika zomufasha kumushikana i Lahe ahari sentari mpuzamakungu imurondera.
Iyo sentare yagiriza Ntaganda ivyaha vyo mu ntambara, harimwo gushira abana mu gisirikare, gushurashuza abakenyezi ku nguvu, hamwe n’ubwicanyi.
Muri ico gihugu c’u Rwanda, haranahungiye n’abandi basirikare bahora mu muhari M23, bo ku ruhande rwa Runiga, bivugwa ko yari acuditse na Jenerali Ntaganda.
Umuryango utabara imbabare Croix Rouge nawo umenyesha ko mu bahunze harimwo abakomeretse barenga 66. Amakuru ava mu Rwanda avuga ko abahunze bose hamwe bagera ku 650.
Jean Michel Ndayikengurutse