Accueil > Poritike > Imigambwe > JJB : Umunyeporitike mwiza si uwutuma urwaruka gutana mu mitwe no gusesa (...)
JJB : Umunyeporitike mwiza si uwutuma urwaruka gutana mu mitwe no gusesa amaraso
lundi 22 Ruheshi 2015
Ishiramwe Jumelage Jeuneusse Burundi(JJB) ribicishije mu mugambi waryo SANGWA AMAHORO, ryaratunganije ikiganiro hagati y’urwaruka rutandukanye, kandi rudasangiye ivyiyunviro vya Poritique,mu ntumbero yo kwiyumvirira hamwe ingene urwaruka rwoja hamwe mu kwubaka igihugu.
Ico kiganiro caremeshejwe n’umuhinga mu nyigisho zo gukunda igihugu Asher Niyonizigiye, kuri uyu wa 20 Ruheshi 2015. Abatumire bakaba bari urwaruka ruhurikiye mu migambwe itandukanye ariko bakiriwe mu migwi ibiri. Aha twovuga abahurikiye mu muhari w‘imbonerakure hamwe n’abamaze iminsi bari mu myiyerekano.
Urwaruka rugira imyiyerekano rwaseruye ivyiyumviro bitandukanye bijanye n’uko rubona ibihe vya porique uburundi busanzwe burimwo, kandi mu ntango z’ico kiganiro nk’uko vyaboneka, wamenga abitavye baratinyana, ariko ikiganiro carangiye, bose banezerewe biyemeje umwumwe wese aho aherereye gutangura kwubaka igihugu.
Ku bwa Asher Niyonizigiye, yemeza neza ko ubu urwaruka rwatahuye ko kazoza k’igihugu kazovana n’ingene rwo nyene rukoze, kandi umunyaporitike mwiza ari uwuzotuma igihugu gitera imbere atari uwutuma urwaruka gutana mu mitwe no gusesa amaraso. Asher Niyonizigiye asaba kandi urwaruka kwihangana hamwe ikizova mu matora kitorunezera , bivanye n’umwe wese aho ahagaze.
Tubibutse ko ishirahamwe Jumelage jeunesse Burundi ririko rikorera mu ntara zitandukanye z’igihugu c’Uburundi, mu ntumbero yo guhuza urwaruka rudasangiye ivyiyumviro vya poritique ribicishije mu mugambi SANGWAMAHORO.
Bill Nkurunziza
Messages
22 Ruheshi 2015, 13:10, par Isaac
Abanyepolitike ntibakuna abarundi,n’uburundi nibanshumirinda gusa bose muburundi mutora mureka nicokimwe!!!!!!!!!!!!!!!!!!!
22 Ruheshi 2015, 13:18, par MBONI
ABABANTU.BATEGUYE.IYONAMA.BAGIZENEZA.TWEDUSHAKAMAHORO.NTAKINDI
22 Ruheshi 2015, 22:12, par Leonard Gabriel Nduwimana
Ese mwoba mumenya yuko vyose tubitegwa ninzego zohejuru kugirisha izo nama ntibakosheje gusa je ndumva iyo baba abandi bashaka kunyanisha abanyagihugu bari guhera hejuru kurabo bategetsi
Tube tubanza gutahura ikintu ese ako kadurumbanyo kahitiye aho bujumbura kavuye kuki?
Jewe ndumva ntashingiye intahe iyo nama kuko utatosora mugenzawe kandi nawe utabanje kwitosora
Niwaba utantahuye canke niwaba wipfuza kubaza ico ndavyandikiye umbaze kuri
e-mail:leonard.nduwimana@facebook.com
Tuje tubanza gutahura ukwo ikintu cifashe
22 Ruheshi 2015, 22:42, par None?
Amashirahamwe yarikwiye kwitwa kwadaharanira ivyicaro ninkayo.
23 Ruheshi 2015, 10:14, par Ukuri
Ewe Mana y U Bdi iryoshirahamwe rije hageze.
23 Ruheshi 2015, 10:15, par Ukuri
Ewe Mana y U Bdi iryoshirahamwe rije hageze.
24 Ruheshi 2015, 08:29, par rutikanga
iryo shirahamwe twoza turaronka amakuru yaryo gute?
abarirongoye bahengamiyehe muvyiyunviro vya politik?
turashima ivyiyunviro bashikirije naho harimwo agahaze