Accueil > Poritike > John Kerry:Ingingo yo kwitoza iteye kubiri n’ibwirizwa nshingiro
John Kerry:Ingingo yo kwitoza iteye kubiri n’ibwirizwa nshingiro
mardi 5 Rusama 2015
Umushikiranganji wa Reta Zunze Ubumwe za Amerika ajejwe imigenderanire amenyesha ko atewe umwitwaririko n’ingingo yafashwe na Petero Nkurunziza yo kwitoza kurongora Uburundi mu kiringo kigira gatatu.
Mu kiganiro yahaye Iradiyo y’abongereza BBC ,John Kerry yavuze ko ingingo yo kwitoza kw’umukuru w’igihugu Petero Nkurunziza ku kiringo ca gatatu iteye kubiri n’ibwirizwa nshingiro ikaba yatumye haduka indyane.
John Kerry yavuze ko ibibazo vy’abanyagihugu b’abarundi kubera iyo ngingo vyari bikwiye kwumvirizwa bigatorerwa umuti.
Kubwa John Kerry,ngo afatiye kuvyo yategereye,ishirahamwe ry’Ubumwe bwa Afrika bwiteguye kuza mu Burundi kubonana na Petero Nkurunziza mu ntumbero yo kumwereka akamaro ko kwubahiriza ibwirizwa nshingiro.
Ico kiganiro yagitanze ku munsi ugira indwi w’imyiyerekano yiyamiriza ikiringo ca gatatu c’umukuru w’igihugu Petero Nkurunziza.
Van Naris
Messages
5 Rusama 2015, 17:21, par nyabune
abanyamerica nibarabe ibyiwabo natwe africa bayiturekere,dore aho badutobeye,igihe kirageze ngo twikukire koko!!!
5 Rusama 2015, 17:42, par Kadogo
Merci Mwoba Mudufashije.Ngira Ubarundi Tworonka Agahengwe.
5 Rusama 2015, 19:06, par Nuwera
Muratubeshera ntabwirizwashingiro ryacu twigeze tunyuranya naryo gusandemeza komwobamuriko murazira kutamenya ariko imiryango iruguruye kugiratubereke kwatanahamwe twakoze ibinturanye nibwirizwanshingiro ryu Burundi. Ariko birababaje kubona muhendwa mugasidukana niyonka ariko mumyaka yaheze harigeze kuba iyicwa ryabarundi bubwoko runaka nimuvuge kugeranunomusi ariko kuruyumusi nuwubahenze muca mubifata nkukuri mutaranabanza gushishoza mutarevyeneza kuvyuburundi birabamaramaza kandi mukuze.
5 Rusama 2015, 22:48, par gsi
nyabune ntaho utaniye na wawundi wavuze ko obama atazi aho uburundi buba mbe ko mbona nibarabara rya pave ari amakungu aritwubakira na amahera y amatora ntayo tugira turinda gusaba nkaho wowe uvuga iki
6 Rusama 2015, 04:47, par didace
Nareke guteranya,mugutera intege izonkozi z’ikibi
6 Rusama 2015, 17:51, par Hamisi Boase
Uwo Mugabo Natunganye Ivyabo Barya Birabure Babiciriki? Ngo Hari Demokarasi Aende Kure.
6 Rusama 2015, 17:52, par Hamisi Boase
Uwo Mugabo Natunganye Ivyabo Barya Birabure Babiciriki? Ngo Hari Demokarasi Aende Kure.