Accueil > Amakuru > Poritike > Joseph Kabila yagirizwa ugushaka kwisamaza
Joseph Kabila yagirizwa ugushaka kwisamaza
lundi 1er Ruhuhuma 2016, par
Umushikiranganji ajejwe intwaro yo hagati mu gihugu muri Repuburika iharanira intwaro rusangi ya Congo yatangaje ku mugaragaro ko kw’igenekerezo rya 10 Ruhuhuma 2016 hazotanguzwa igikorwa c’ugusubiramwo ikirangaminsi c’amatora n’iyindi myiteguro bijanye.
Mu gihe ico gikorwa gishobora gufata umwaka urenga, abatavuga rumwe n’ubutegetsi bwa Repuburika iharanira intwaro rusangi ya Congo babona ko umukuru w’igihugu Joseph Kabila ariko ashaka kwiteza utunyoni kugira arenze ikiringo arekurirwa n’ibwirizwa shingiro.

Ibwirizwa shingiro rya Repuburika iharanira intwaro rusangi ya Congo ritegekanya ko amatora y’umukuru w’igihugu atorenza uwu mwaka w’2016 turimwo adatunganijwe.
Emery Damien Kalwira, umukuru w’urunani rw’abanyagihugu ba Repuburika iharanira intwaro rusangi ya Congo bashigikiye ko hoba intwaro y’imfatakibanza amenyesha ko ico gikorwa kigiye gutanguzwa ari amayeri y’umukuru w’igihugu Joseph Kabila y’uguhonyanga ibwirizwa shingiro rivuga ko amatora y’umukuru w’igihugu ategerezwa kuba yabaye imbere y’uko umwaka w’2016 uhera.
Kubwa Emery Damien Kalwira, ni nk’intambara Joseph Kabila atangaje ku banyagihugu ba Repuburika iharanira intwaro rusangi ya Congo baruhishijwe n’ubutegetsi amazeko imyaka 15.
Emery Damien Kalwira avuga ko abanyagihugu batazobimwemera, kuko ku bwiwe, imyaka 15 amaze arongoye ico gihugu yashatse gutwaza umukazo, akavuga ko abo banyagihugu biteguriye kumwiyamiriza.
Emery Damien Kalwira anegura ko Afrika nka yose yiziziwe n’abakuru b’ibihugu ataco bariko barakorera abanyagihugu babo, ariko bagashaka kwigumiza ku butegetsi, kandi ibiringo vyabo vyaheze.
Kalwira Damien ati : «Twaramwankiye, namenye ko imyaka amaze ku butegetsi ikwiye, ukwihangana abanyagihugu bagize kurakwiye.»
IGIHE
Messages
1er Ruhuhuma 2016, 13:02, par BIZO ARI INDUTA (CAMPS)
MBEGA AFRIKA YAVUMWE !NONE ABAPRESIDA BARIYIBIKI MUVYUBUTEGETSI?RERO KO BANANIWE GUTWARA NIBEMERE ABAKORONI BAGARUKE. EREGA IBIHUGU SAMATONGO YABASE WABO
1er Ruhuhuma 2016, 14:05, par akili djuma
jewe mbona ko ashaka kwiyogera iyindi manda
2 Ruhuhuma 2016, 08:12, par NDAHA Cupboad
Ubugabo burihabwa ! Ntawundi Mukuru w’Igihugu wo Muri Africa azoshobora ingendo nziza yakarorero yerekanywe n’Umukuru w’Igihugu ca Tanzaniya.
2 Ruhuhuma 2016, 08:14, par Onésime
Ubugabo burihabwa ! Ntawundi Mukuru w’Igihugu wo Muri Africa azoshobora ingendo nziza yakarorero yerekanywe n’Umukuru w’Igihugu ca Tanzaniya.