Deprecated: Unparenthesized `a ? b : c ? d : e` is deprecated. Use either `(a ? b : c) ? d : e` or `a ? b : (c ? d : e)` in /home/igihe/public_html/ecrire/inc/utils.php on line 2576
Joseph KABILA yatumyeko ibiganiro vya poritike - IGIHE Burundi
IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > Muri Afrika > Joseph KABILA yatumyeko ibiganiro vya poritike

Joseph KABILA yatumyeko ibiganiro vya poritike

dimanche 29 Munyonyo 2015, par egide

Umukuru w’igihugu ca Repubulika iharanira intwaro rusangi ya Congo, Joseph Kabila yamenyesheje ko hagiye gutangura ibiganiro vya poritike bizohuza impande zose zitavuga rumwe, mu ntumbero yo gutegura neza amatora yimirije.

Ariko rero mw’itangazo Joseph KABILA yasohoye kuri uwu wa 28 Munyonyo 2015, ntiyigeze amenyesha aho ivyo biganiro bizobera, hamwe n’igenekerezo bizoberako.

JPEG - 156.8 ko
Joseph Kabila, Umukuru w’igihugu ca Repubulika iharanira intwaro rusangi ya Congo

Muri iryo tangazo, Joseph KABILA yagize ati : «Inyuma yo kwakira ivyiyumviro mwampaye hamwe n’ivyo mwacishije ku babaserukira, nashizeho umunsi w’ibiganiro vya poritike bizohuza impande zose.»

Ivyo biganiro bikaba bizohagarara ku bijanye no gutegura amatora, biyobowe n’abahuza bavuye hanze y’igihugu.


IGIHE

Messages

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.