Deprecated: Unparenthesized `a ? b : c ? d : e` is deprecated. Use either `(a ? b : c) ? d : e` or `a ? b : (c ? d : e)` in /home/igihe/public_html/ecrire/inc/utils.php on line 2576
Juliana Kanyomozi yoba agira yubakane na Ian Mbugua - IGIHE Burundi
IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Kwidagadura > Abacuraranzi > Juliana Kanyomozi yoba agira yubakane na Ian Mbugua

Juliana Kanyomozi yoba agira yubakane na Ian Mbugua

mardi 14 Rusama 2013

I Kampala mu gihugu ca Uganda, hamaze iminsi hakwiragizwa inkuru zivuga ko umuririmvyi Juliana Kanyomozi yoba agira agire urubanza rw’ubugeni n’umunyakenya yitwa Ian Mbugua azwi cane nk’umuntu ahambaye mu mahiganwa ya Tusker Project Fame.

Ibinyamakuru bimwe bimwe vyo muri ico gihugu nka Big Eye nivyo vyatanguye gutanga izo nkuru, kandi bikaba bivugwa ko ari abagenzi cane ba Ian, ariko gushika n’ubu yaba Juliana canke Ian, nta n’umwe aragira ico abivuzeko.

Umwe mu bagenzi ba Ian yavuze ko ari nka Romeo na Juliette, bose barindiriye umunsi w’urubanza. Bivurwa ko gukundana kwabo kwatanguye igihe Juliana yaja muri Tusker Project Fame.

Kuva ico gihe, nta muntu n’umwe Ian yemerera kwicara iruhande ya Juliana kandi ubu amuba hafi ku buryo rimwe na rimwe amujana kumutembereza mu gisagara ca Nairobi.

Ariko naho biri ukwo ,Ian aracabana n’umugore wiwe n’aho abakunzi biwe bemeza ko Ian yavuze ko atakibuza mu mpera z’uyu mwaka abwirizwa kuba abana na Juliana.

Juliana Kanyomozi afise imyaka 35 akaba ari umuvyeyi w’umwana umwe, gushika n’ubu nta n’umwe aremeza ibivugwa kuri Juliana na Ian.


Joel Sengurebe

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.