Accueil > Amakuru > Utuntu n’utundi > Justin Street yishwe n’umuti bamuteye ku gihimba c’irondoka
Justin Street yishwe n’umuti bamuteye ku gihimba c’irondoka
vendredi 25 Gitugutu 2013
Justin Street afise imyaka 34, yagiye kwa Kasia Rivera igenekerezo rya 5 Rusama amutera umuti wa silicone, kugira igihimba cirondoka ciwe kibe kinini. Uwo mufyitirizi yarasanzwe abikorera muhira ku mahera make.
Justin Street yaraye apfuye kubera igihimba cirondoka ciwe cahavuye kiziba, umuhinga mu vy’amategeko, avuga ko yishwe n’uko bamuteye silicone. Kasia Rivera yahagaritswe yagirizwa ubwicanyi atabugombe, hamwe n’ugukorera mu kinyegero ivy’ubuvuzi kandi si we wa mbere yigize umuganga. Mu mwaka ushize, hari umwigeme yigize umuganga, afata umuti w’ubumara awutera abagore 6 ku bihimba vy’inyuma, ari na ko kubihutisha kuja kwibagisha bivuye k’ubuhinga buke afise muri ako kazi.
Ntamwanya uheze Oneal Ron Morris, aciriwe umunyororo w’umwaka kubera yatera isima, ishashara, amavuta, eka n’iyindi miti ku bihimba vy’inyuma no ku matama.
Chérif Nkeshimana
Messages
4 Munyonyo 2013, 08:44, par NTIBASHIRAKANDI Henry
Justin Street ndamugaya.Nibaza ko ari intumva ;kuko ndazi ko ata gihugu na kimwe kitiyamiriza kwivuriza ahatari kwa muganga azwi na Leta.Mbere ni ikijuju kuko igihimba c’irondoka uko kiba kingana kwose,gikomeye ntivyanka ko kikora ico cagenewe.Iyaturemye ntaco yihenze Twoyikosorera.
5 Munyonyo 2013, 23:23, par nkurunziza Francine
mrd mrd, il était vraiment con, niwe yiyishe kubera ubujuju,