IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > Ubutungane > "Juvent NDUWIMANA yoronswa umushingwamanza"

"Juvent NDUWIMANA yoronswa umushingwamanza"

mardi 7 Ndamukiza 2015, par Egide N

Petero Karaveri Mbonimpa, umukuru w’ishirahamwe APRODH ashikiriza amakenga yiwe, kw’irementanya ryoba ririko rirategurwa kugira ahindure ivyo yashikirije, abishire kuri bamwe mubaharanira agateka ka zina muntu, ko bari mubishe barya babikira.
Uwo arongoye APRODH, asaba ko Juvent NDUWIMANA yaronswa umushingwamanza amufasha kuburana.

Umukuru wa APRODH, Petero Karaveri Mbonimpa, amenyesha ko iryo rementanya ry’uguhinduza Juvent NDUWIMANA ivyo yiyemereye, ryatanguye gukorwa agishikanwa i Bujumbura, akuwe muri Somaliya mu bikorwa vya AMISOM. Kuva mw’ijoro ryo kuwa gatanu, Juvent NDUWIMANA yavanwe mu gasho k’igendereza atwarwa muri sentare isubiramwo imanza ya Bujumbura.
Petero Karaveri Mbonimpa amenyesha ko uwo Juvent NDUWIMANA yaciye atangura kugenderwa na bamwe mubo yagirije ubwo bwicanyi, akavuga nk’uwo batazira "Kazungu" yagiyeyo, hamwe n’uwundi muporisikazi yagiyeyo kuri uwu wa mbere, bose bakaba bajanwa n’ukumbwira Juvent NDUWIMANA ko yohindura ivyo yashikirije, akavuga ko ari irementanya yakorewe, agaheza akavuga ko bamubesheye, nabo bakamufasha guhindura imyidondoro yiwe.

JPEG - 76.9 ko
Petero Karaveri MBONIMPA, arongoye ishirahamwe APRODH

Nk’uko bishikirizwa na Petero Karaveri Mbonimpa arongoye APRODH, Biratangaje ingene Juvent NDUWIMANA yojanwa kubarizwa muri parake ya sentare isubiramwo imanza ya Bujumbura, kandi urubanza rwiwe rukiri muri parake ya sentare nkuru y’igihugu muri Mairie ya Bujumbura, kuko naho abavuzwe vyokenerwa ko bumvirizwa, bokwitaba muri sentare nkuru y’igihugu ku mushikirizamanza kizigenza wa Repuburika.
Petero Karaveri Mbonimpa agatangazwa n’ukungene amatohoza akorwa ijoro, agakorwa kandi na bamwe mu bavugwa muri ubwo bwicanyi. Muri APRODH basaba ko Juvent Nduwimana yoronswa umushingwamanza.

Tubibutse ko inyuma y’umuporisi azwi kw’izina rya "Mwalabu" yaheruka kwiyemerera ko ari mubishe ba babikira b’Abatariyanokazi, Juvent Nduwimana yagize kabiri yiyemereye ko yakoreshejwe muri ubwo bwicanyi nyene bwakorerwa Ababikira batatu b’Abatariyanokazi ko kuri Paruwasi Guido Maria Conforti mu Kamenge.

Juvent NDUWIMANA avuka muri TEZA mu Kamenge, nk’uko avyivugira, amenyesha ko we n’umuporisi "Mwalabu" batanguye kubatumako mu ntango z’ukwezi burya bwicanyi bwabereyemwo, akaba yitavye Major Joseph Niyonzima batazira "Kazungu", bajana ari babiri n’uwo "Mwalabu" kuko ari nawe yamubwiye ko bamutumyeko, ko hari ico bamukenereye.
Bompi basanze Major Joseph Niyonzima batazira "Kazungu" aho yariko arubakisha inzu, inyuma ya Sokariti, bavugana ari batatu gusa, ababwira ko mu masaha aza kuza, ahava abarondera, ariko ntibabwirwa igikorwa bahava bahabwa. Bagumanye amakenga, ariko umwe muribo (Mwalabu) akaba yari yamaze kubwirwa na "Kazungu" ko ivyo bashaka gutumwa bifitaniye isano n’ababikira b’abazungukazi boba bafise ivyo bazi mu bikorerwa muri Congo.

JPEG - 144.3 ko
Juvent NDUWIMANA

Juvent Nduwimana amenyesha ko inama ya mbere ya bose yabaye igenekerezo rya 6 Nyakanga 2014, ikaba yabereye mu bunywero "Iwabo w’abantu" bwa Général Adolphe Nshimirimana yahoze arongoye urwego rw’igendereza, nawe nyene yari muri iyo nama. Abandi bari bayitavye akaba ari Guillaume Harushimana ajejwe ubutunzi mu kigo Centre Jeunes Kamenge, umuporisi Ayubu, hamwe n’umuzungu azwi kw’izina rya Claudio Marano yahora arongoye ikigo Centre Jeunes Kamenge, ariko Juvent Nduwimana akemeza ko Claudio Marano atamaze umwanya munini muri iyo nama.

Juvent NDUWIMANA amenyesha ko iyo nama yabaye we na "Mwalabu" bari ukwa bonyene ku ruhande, mu nyuma "Kazungu" ari kumwe na Guillaume Harushimana baca barabahamagara bababwira ko igikorwa bagira bahabwe ari ico kugandagura ababikira Lucia, Olga na Bernadetta.

Imbere y’uko ubwo bwicanyi bw’abo babikira batatu b’Abatariyanokazi buba, Juvent NDUWIMANA amenyesha ko yamye akoreshwa mu bindi bikorwa yita ama "Missions", nk’iyo hari nk’ibikorwa vy’ubwicanyi bakaba bamwikorako. Mu bakunda kumutumako bamuha ivyo bikorwa akavuga Général Adolphe Nshimirimana, hamwe na Général Ndirakobuca Gervais batazira "Ndakugarika".


Egide Nduwimana

Messages

  • Eeee!! attention mutama wacu!! mais ntuhemuke kurugamba wisinye. kazima wamaze kubimenya ubikurikiranira hafi!! jewe abo bantu bigira imana z’Uburundi nzendabe iherezo ryabo!!

  • ikirico nuko yavuze abishe ababikira.r
    ero raba neza mukurikire neza ibiriko biraba ngo enquete zikorwe neza.murakoze.

  • Ibiriko bibera mw’isi birababaje wogira abantu bibaza ngo Imana yarabihoreye ngo bikorere ivyo bishakiye! Ewe barundi ntimuruta abo mu gihe ca Nowa no muri Sodomu na na Gomora! Itanguriro6, na 19. Rindira Imana igira ihane ubwayo ko abantu mubigira imikino! Abantu mwese musoma, banditsi namwe basomyi, bategetsi b’Uburundi, barundi mwese namwe barundikazi: umve ico Imana ibaburira: Soma Bibiriya muri Yesaya55:6-8, Amose9, Ezekiyeli9, Imigani1:22-33.
    Imana iraburira abantu ngo bihane! Bitabaye gutyo ivyo vyose vyanditswe muri ivyo bice mdabahaye ntakabuza biziba kuburundi! Umunyabwenge n’uwokwumvira imburi.
    Ntacanyegejwe kitazomenyekanaMariko4:22

  • Pierre c Mbonimpa, iyohabonetse amarementanya yokubategetsi bareta canke kuntwazangabo acabumusore umunezero iminwa agasanza ahuye naba Pasifike,
    Ariko yumvise bishikiye mumirwinawe arimwo yaminwayiwe itangura kunyiganga!!! Ndashaka kubwirabarundi ngo gabanya ayomarementanya mukore akazi mujejwe mureke utwotunama twokuvugango turondere amahera tuzoha kanaka ngomaze azokwagirize bantuze ibinibi.

  • uyo muatama claver yashaje.wiyumvire. uvuga ko juvent agire arementanirize amashirahamwe tataho yegamiye , ukagaruka ukavuga ngo umurondrere um avocat,kandi uri mubatwara iyo migwi yamashirahamwe ariko hari uwudategera ico ushaka gushikako? kiretse ikijuju gusa

  • ibi vyose turazi ko ari irementanya jean marie atwara msd muri marie ya bujumbura yateguye. ashaka yogeza ngaho ukuri kukaja ahabona kuvyabarya babikira

  • jewe icombona ivaniyikaze abivuge abivuge

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.