Accueil > Amagara y’abantu > Kabanga : Uwaciye umutwe w’igitsina c’umugabo yariko aragenyerwa yafatiwe (...)
Kabanga : Uwaciye umutwe w’igitsina c’umugabo yariko aragenyerwa yafatiwe ibihano
mercredi 11 Ruhuhuma 2015
Ibikorwa vyo kugenyera ibitsina vy’abagabo ntibiri mu bikorwa vy’amavuriro (Centre de Santé). Ivyo vyashikirijwe na muganga Thadée Ndikumana umuvugizi w’ubushikiranganji bw’amagara y’abantu n’ukurwanya ikiza ca sida.
Mu kiganiro yatanze kuri uwu wa mbere, Thadée Ndikumana umuvugizi w’ubushikiranganji bw’amagara y’abantu n’ukurwanya ikiza ca sida akaba yavuze ko ivyashitse kw’ivuriro ry’i Kabanga mu ntara ya Kirundo, aho umunyagihugu yaciwe umutwe w’igitsina ciwe ariko aragenyerwa, bikwiye kutazosubira. Muganga Thadée Ndikumana avuga ko uwari yagenyerewe yagize ingorane zikomeye inyuma y’aho ico gikorwa kibereye, mbere agahitamwo no kwitabariza, aho yahavuye afashwa n’abakozi ba OBR, kugira ashobore kwivuza.
Uwo muforoma yamugenyereye akaba yaciye akurwa mu kazi kiwe. Umuvugizi w’ubwo bushikiranganji akaba atera ivyatsi ibikorwa n’abaforoma bari mw’ibohero rya Bururi, basiramura abantu, bakoresheje ibikoresho bisanzwe.
Aristide Nizigire
Messages
1er Ntwarante 2016, 15:45, par Ndayiragije Wily
Hakwiyeguhanwa Uwomugangayiyumvirakogukinga Umugereko Ariguca Igitsina
13 Ntwarante 2016, 20:06, par NDINZEMESHI REMY
AHUBGO UWOMUFOROMA NIBA ARUMUGABO NAW BAMUCE IGITSINA NAW NTAKINDI GIHANO AKWIY ARUMUGOR NAHO NAHANWE BIKOMEYE KUK YOBA YIRENGAGIJ ICO KIMAZE
10 Ndamukiza 2017, 00:00, par niyitangavyos mel..
ninba yarihenze baramugirira inbabazi akaba yabigize abibona nawe na,bisubizwe
23 Rusama 2017, 15:25, par juvenal
Yooo birateye ubwoba nagahinda uwomuforoma akwiye guhanwa bikwiye kuko yakoze ibidakogwa?