Deprecated: Unparenthesized `a ? b : c ? d : e` is deprecated. Use either `(a ? b : c) ? d : e` or `a ? b : (c ? d : e)` in /home/igihe/public_html/ecrire/inc/utils.php on line 2576
Kabezi:Umuntu umwe yarishwe - IGIHE Burundi
IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Ibidukikije > Kabezi:Umuntu umwe yarishwe

Kabezi:Umuntu umwe yarishwe

mercredi 9 Nzero 2013

Uwo yishwe yari umugabo w’imyaka mirongo itandatu afise abana indwi abahungu batatu n’abakobwa bane muri komine kabezi intara ya Bujumbura. Yitwa Théophile Matata akaba yari umurimyi mworozi.

Urupfu rwiwe intandaro yabaye ubusuma bw’impene yaratunze zigera kw’icumi. Abasuma baje kuziba mw’ijoro ryo ku wa gatandatu rishira uw’Imana hanyuma aca arabakurikira ari kumwe n’ababanyi biwe, ico gihe hari nk’igihe c’isaha zitandatu z’ijoro. Mu nyuma ababanyi biwe nk’uko babivuga ngo bahavuye batandukana umwe wese afata inzira yiwe bamwe barakurikira gushika aho bata ivyizigiro baragaruka babonye ata n’iyambu.

Inyuma y’amasaha nk’abiri ngo ababanyi babonye nyene impene ataje barakebwe baja ku muhana i we mugabo basanga ntarataha. Mu gatondo ka kare ko kuri uyu wa Mungu niho bumva ko ku bilometero hafi bibiri vy’aho i nyamugari hari ikiziga c’umuntu cahatowe hafi y’uruzi rwitwa Mugere.

Mu nyuma ababanyi, abajejwe intwaro n’abo mu muryango baciye baja kuraba basanga uwishwe n’uwo mugabo nyene izo mpene. Ku bw’ababanyi n’abajejwe intwaro ngo nta kabuza ko uwo mugabo yishwe n’abo basuma bari bivye impene ziwe kuko banse ko azibatesha .N’ikimenyamenya nk’uko abo babanyi n’abajejwe intwaro babimenyesha ngo n’uko izo abo basuma batashoboye gutwara baciye baziniga.

Abanyagihugu bo muri ako gace basaba ko boronswa ikirindiro c’abapolisi kuko ngo hagize iminsi hibonekeza ubusuma bw’abantu bitwaje ibirwanisho biba bagatekeza abanyagihugu bo mu micungararo y’umutumba wa Randa.

Komiseri w’igipolisi mu ntara ya Bujumbura ari kumwe n’abajejwe intwaro ku rwego rwa komine kabezi ntibatevye kuhashika aho bumviye ivyabaye bakaba baciye batanguza amatohoza.

Mu ntara ya Bujumbura naho hakunda kwumvikana ubwicanyi butandukanye na cane cane bufatiye ku vyiyumviro vya politike nta bwicanyi bw’abasuma bitwaje ibirwanisho bica abanyagihugu bwahora buahvugwa rwose ugereranije no mu zindi ntara.


Eloge Willy Kaneza

Messages

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.