Accueil > Kwidagadura > umucuraranzi > Kaka Boney yagarutse mu ruririmbo "Turanse kuba abaja"
Kaka Boney yagarutse mu ruririmbo "Turanse kuba abaja"
mardi 31 Ntwarante 2015
Kaka Boney yasohoye ururirimbo yise "Turanse kuba abaja". Amajambo ari mu ruririmbo ahagaze cane ku vyandiko vy’igitabo ca Bibiliya cane cane umwami "Pharaon".

Bonaventure Havyarimana azwi kw’izina rya Kaka Boney aririmba amabi yakozwe n’umwami Pharaon. Kaka Boney ati :" Turanse kuba abaja", Asubira ati:" Pharaon yakomantaje umutima, abana b’Imana bacura intimba. Imana iramwinginga, icisha ku ntumwa yayo Mose. Pharaon, Pharaon,...".
Mu gitero ca kabiri c’ururirimbo "Turanse kuba abaja", Kaka Boney aririmba ati : " Abana b’imfura baratikira, inzuzi zose zicika amaraso, Imana iramwinginga ararahira ararengwa, Pharaon,...". "Pharaon yakontaje umutima hatera inzige mu gihugu cose, hatera ibihute, hatera urubura, ivyago vy’amoko yose, amarira n’intuntu hose".
Mu gitero ca gatatu arico ca nyuma, Boneventure ati :"Mana utabare. Ubwoko bw’Imana burabohoka, isinzi ry’abantu ryaratikiye. Hahangame nyen’imbabazi gukiza abayo n’abatari abayo".
Tubibutse ko Kaka Boney mu mwaka w’2005 yashize ahabona urukurikirane rwiwe rwa mbere yise "Ibiciro" rurimwo ururirimbo "ibiciro rwakunzwe cane. Mu mwaka w’2011 naho yasohoye urundi rukurikirane yise "mawe". Kaka Boney arazwi cane kandi mu ruririmbo "BACEMWO" yaririmbiye umugambwe CNDD-FDD ari kumwe na Paci na Romeo bo muri Etoile du Centre, hamwe no mu ndirimbo z’uguhayagiza uwo mugambwe nyene nka "Igere rya nyuma", n’izindi.
Umviriza ururirimbo rushasha "Turanse kuba abaja" rwa Kaka Boney
Cherif Nkeshimana
Messages
31 Ntwarante 2015, 14:05, par cumacindubaruba@gmail.com
mbese ubu mwotumenyera kaka boney aherereye mu gihugu cahe, yoba akiri umu DD, bamenyeshamakuru ntivyadondoreye neza ivyuwo yahoze ari umu dd akomeye, canke nawe yemeye gusinya pétition acishije mukuririmba
31 Ntwarante 2015, 18:58, par Papa Troupe
Urwo ruririmbo rurimwo impanuro zitomoye kubategetsi b’iyi si, aho hose bari, na cane cane muri Afrika, aho indongozi zisigaye zirangwa no gucura bufuni na buhoro abanyagihugu, bakibagirako uburongozi bwose buva ku Mana, kandi kuri Yo, ata kidashoboka.....
Kaka Boney, Komera ku muheto.....
31 Ntwarante 2015, 20:47, par NSABIYUMVA Sylver
ntakundi ndamushimiy kuko amajambo yakoreshej vyisho vyshits ehe imvura imaz kwiha inkumbi incuro zibiri imirimayo ugez mugiheta ufata kumunwa tutibagiy imicanwa yemw ndavy iyintwaro nahimanap!!
31 Ntwarante 2015, 20:49, par NSABIYUMVA Sylver
ntakundi ndamushimiy kuko amajambo yakoreshej vyisho vyshits ehe imvura imaz kwiha inkumbi incuro zibiri imirimayo ugez mugiheta ufata kumunwa tutibagiy imicanwa yemw ndavy iyintwaro nahimanap!!
31 Ntwarante 2015, 21:38, par Ndarusanze Junior
Iyi ndirimbo numva ihambaye cane,irenze kuba umuziki irimwo prophetie.Umuvugishwa nawe,aravugishwa hanyuma abumvise bakamenya ibikwiye.Basha ndumva ubutumwa bwuzuye.Imana idufashe.Hama ukomere ugire umugisha.
31 Ntwarante 2015, 21:43, par Ndarusanze Junior
Inspiration prophetique.Ese icompa ukumvirwa.Imana iguhe umugisha.Indirimbo nziza pe!
31 Ntwarante 2015, 22:00, par Papa Troupe
Urwo ruririmbo rurimwo impanuro zitomoye kubategetsi b’iyi si, aho hose bari, na cane cane muri Afrika, aho indongozi zisigaye zirangwa no gucura bufuni na buhoro abanyagihugu, bakibagirako uburongozi bwose buva ku Mana, kandi kuri Yo, ata kidashoboka.....
Kaka Boney, Komera ku muheto.....
1er Ndamukiza 2015, 01:40, par Buhire
Amajambo y’inkora mutima cane!!! Uraba wumva birenge niwe ubwirwa... Uwanse kwumva ntiyanse no kubona.. Ico abarundi twese twizera n’uko Imana mushobora vyose izobohora abayo..
N.B: Indirimbo ntayo tubona, ngira mwibagiye kuyidushiriraho
1er Ndamukiza 2015, 10:55, par Muyomba
Iyi ndirimbo numva ihambaye cane , izo indirimbo zirimwo impanuro zitomoye ku abategetsi bo muri africa , Imana umuhezagire kaka boney
1er Ndamukiza 2015, 21:23, par karabaye
aabnyiaaohmek pnrzw
10 Ndamukiza 2015, 00:13, par Ndikumana
Biragaragarako Kaka Boney yakoreshejwe nkumuja igihe yaragicuditse na CNDD FDD!Niyo mpamvu ya sohoye iyo ndirimbo:Turanse kuba abaja!kand mboneyeho n’akaryo kokumushimira kuko yikuye mu buja!
10 Ndamukiza 2015, 00:13, par Ndikumana
Biragaragarako Kaka Boney yakoreshejwe nkumuja igihe yaragicuditse na CNDD FDD!Niyo mpamvu ya sohoye iyo ndirimbo:Turanse kuba abaja!kand mboneyeho n’akaryo kokumushimira kuko yikuye mu buja!
20 Rusama 2016, 16:57, par MANIRAMBONA Jean Pelé
Yewe uwuranvye arabona. nibitari ivyo azobiririmba