Deprecated: Unparenthesized `a ? b : c ? d : e` is deprecated. Use either `(a ? b : c) ? d : e` or `a ? b : (c ? d : e)` in /home/igihe/public_html/ecrire/inc/utils.php on line 2576
Kaka Boney yagarutse mu ruririmbo "Turanse kuba abaja" - IGIHE Burundi
IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Kwidagadura > umucuraranzi > Kaka Boney yagarutse mu ruririmbo "Turanse kuba abaja"

Kaka Boney yagarutse mu ruririmbo "Turanse kuba abaja"

mardi 31 Ntwarante 2015

Kaka Boney yasohoye ururirimbo yise "Turanse kuba abaja". Amajambo ari mu ruririmbo ahagaze cane ku vyandiko vy’igitabo ca Bibiliya cane cane umwami "Pharaon".

Bonaventure Havyarimana azwi kw’izina rya Kaka Boney aririmba amabi yakozwe n’umwami Pharaon. Kaka Boney ati :" Turanse kuba abaja", Asubira ati:" Pharaon yakomantaje umutima, abana b’Imana bacura intimba. Imana iramwinginga, icisha ku ntumwa yayo Mose. Pharaon, Pharaon,...".

Mu gitero ca kabiri c’ururirimbo "Turanse kuba abaja", Kaka Boney aririmba ati : " Abana b’imfura baratikira, inzuzi zose zicika amaraso, Imana iramwinginga ararahira ararengwa, Pharaon,...". "Pharaon yakontaje umutima hatera inzige mu gihugu cose, hatera ibihute, hatera urubura, ivyago vy’amoko yose, amarira n’intuntu hose".

Mu gitero ca gatatu arico ca nyuma, Boneventure ati :"Mana utabare. Ubwoko bw’Imana burabohoka, isinzi ry’abantu ryaratikiye. Hahangame nyen’imbabazi gukiza abayo n’abatari abayo".

Tubibutse ko Kaka Boney mu mwaka w’2005 yashize ahabona urukurikirane rwiwe rwa mbere yise "Ibiciro" rurimwo ururirimbo "ibiciro rwakunzwe cane. Mu mwaka w’2011 naho yasohoye urundi rukurikirane yise "mawe". Kaka Boney arazwi cane kandi mu ruririmbo "BACEMWO" yaririmbiye umugambwe CNDD-FDD ari kumwe na Paci na Romeo bo muri Etoile du Centre, hamwe no mu ndirimbo z’uguhayagiza uwo mugambwe nyene nka "Igere rya nyuma", n’izindi.

Umviriza ururirimbo rushasha "Turanse kuba abaja" rwa Kaka Boney


Cherif Nkeshimana

Messages

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.