Accueil > Amakuru > umutekano > Kamenge : Gerenade yatewe hafi y’isoko
Kamenge : Gerenade yatewe hafi y’isoko
lundi 22 Ruhuhuma 2016, par
Nk’igihe c’isaha hafi indwi z’umurango, gerenade yatewe muri zone Kamenge, komine Ntahangwa, hafi y’isoko ya Kamenge. Bivugwa ko umuntu umwe ariwe yoba yahitanwe n’iyo gerenade.
Iyo gerenade ibaye iya kabiri itewe kuva mu gatondo ko kuri uwu wa mbere, iya mbere ikaba yari yatewe mu gatondo ko kuri uwu wa mbere kw’isoko kwa Siyoni muri komine Ntahangwa, zone ya Ngagara.
Umwe mu bandandaza bakorera aho kw’isoko kwa Siyoni amenyesha ko batabonye uwateye iyo gerenade yakomerekeje abantu batamenyekana igitigiri, bikavugwa ko hari n’umuntu yoba yahitanwe n’iyo gerenade. Mu giporisi c’Uburundi ntaco barabivugako.
IGIHE
Messages
22 Ruhuhuma 2016, 15:18, par keza
tuvyitegutecanketubibazende.amakungunafatingingobagarukirekubenegihugubagumabafa.
22 Ruhuhuma 2016, 15:44, par Nduhirubusa
Kubita Izo Mbwa Mugabo Murabe Abanyagihugu Ntibagwe Mumporero.
22 Ruhuhuma 2016, 16:21, par Maholo
Gwana nabasoda,or police not kwirigwa mwica abatazi nakimwe canke niba mwananiwe mubitangaze komwananiwe!
22 Ruhuhuma 2016, 17:41, par Signorina
Hewe wiyise Nduhirubusa, mu kirundi bavuga ngo wihora umuryango ukinovora intuntu. Nawe rero ngo kubita izo Mbwa, hewe nagira ndakubwire ko mutize wewe n’abagenzi bawe gufubatira amahoro mugire mwisaburirako nkagahene.
22 Ruhuhuma 2016, 17:53, par KAMOSADI
IGIPORISINIGIHNDURE IYINDISSITEMEANDIHONZOBAMBONA
22 Ruhuhuma 2016, 18:04, par kamaro
aba nabo bazomara abanyagihugu ngo bariko baratera manda. uku nukumaramarira kubanyagihugu....
22 Ruhuhuma 2016, 22:00, par Juma
Non Nkurunziza Niyotumako Abatavugarumw Bakaganira Tukaronkamahoro Nayo Bigumyuku Abanyagihugu Tuzohona Asigare Wenyen.
22 Ruhuhuma 2016, 22:09, par Elyse
NOn Mwebw Muabona Bani Kimuna Azoshobora Gutatura Abarundi Akabashobora Twetegiki Twabanyagihugu?
22 Ruhuhuma 2016, 23:03, par Gabriel
Bamwe Dusaba Amahoro Namwe Muzana Ubwicanyi?
23 Ruhuhuma 2016, 03:34, par ernest
Ivyo birwanisho reta yabiha imbonerakure abarundi namakungu basemerera none nibarabe ingene biriko birakora ibira Baca umugani mukirundi Ngo agasozi kintahanurwa kahiye abagabo babona
23 Ruhuhuma 2016, 07:13, par Burundi Jean
Abobansi Bamahoro Bica Batongora Ngo Batara Manda Imisi Bamaze Bakora Iyonabi Siyo Bashigaje Ndabakebure Bishikene Mugiporisi Canke Mugisoda Vuba , Guko Barindiriye Gufatwa Bazomerigwa Nabi Guko Kwisi Yose Uteye Umunyagihugu Atakwivuna Ntajambo Uba Ufise Bakwita Inkozi Yikibi, Reta nayo Nihindu Uburyo Bwo Gurwa Nya Abo Bantu .
23 Ruhuhuma 2016, 09:19, par jonathan
Mbega ncuti zaje timuramenya ico Nkurunziza arondera nihonyabwoko mwibaza icatumye arugika imbonerakure mumyimenyerezo ya gisirikare Muri Congo baciye binziza interahamwe mugihugu cacu tamahoro afitiye abenegihugu canke igihugu mbega umugabo wagandaguye Aldophe wamugarukanye kubutegetsi yivye ninde yagirira ikigogwe nukumusengera imana ikaba ariyo imwihanira
23 Ruhuhuma 2016, 12:56, par NIYOMANA PRUDENCE
KUBERIKI,BAKORIVYO,?JE MBONA,BOREKA KUMENA,AMARASO,YINZIRAKARENGANE,ZITAZI,NAKIMWE.
23 Ruhuhuma 2016, 17:41, par desire
sinumva igitumaducanamwo kanditwonserimwe kumenamaraso sikogucemuribibazo nitwibukiyotwavuye tureke gusamburigihugu ahubwotucubake icodupfana kiruticopfana twese turabimana
23 Ruhuhuma 2016, 17:42, par desire
sinumva igitumaducanamwo kanditwonserimwe kumenamaraso sikogucemuribibazo nitwibukiyotwavuye tureke gusamburigihugu ahubwotucubake icodupfana kiruticopfana twese turabimana
28 Ruhuhuma 2016, 14:52, par Nirere Emmanuel
None Ko Hashobora kuba ibarankiryo abajejwe umutekano ntihagire ico babivugako wumva gut? rer jew icombona ko uwakoze ako kamaramaza ko yohirwa agafatwa.