Accueil > Amakuru > Poritike > Abanyehure b’abarundi bagiye kwakirwa muri Kaminuza College Goucher yo muri (...)
Abanyehure b’abarundi bagiye kwakirwa muri Kaminuza College Goucher yo muri Reta zunzubumwe za Amerika
jeudi 30 Gitugutu 2014
Josee Antonio Bowen, umuyobozi w’iyo kaminuza iri i Washington yaremeye ko mu mwaka w’ishure w’I 2015-2016 yaremereye uwuserukira uburundi muri ONU ko izokwakira abanyeshure b’Abarundi bahakurikiranire ivyigwa.
Mu rugendo rw’uwuserukira Uburundi mw’ishirahamwe Mpuzamakungu ONU Ernest Ndabashinze kur’iryo shure, mu mubonano yagiriraniye na Josee Antonio Bowen, wavuyemwo umwizigiro ku rwaruka rwo mu Burundi ruri mu mashure. Baganiriye kuvyerekeye gufasha abanyeshure b’Abarundi baje kubandaniriza amashure kur’iyo kaminuza.
Ernest Ndabishinze yasiguriye Josee Antonio Bowen ko Uburundi ari igihugu kivuye mu ntambara, kigikenewe cane gufashwa kuko gifise ingorane zitari nke. Yashimikiye mu gisata c’inyigisho ahibonekeza ubukene bwinshi, na cane cane ubw’amafaranga yokoreshwa mu kwitunganya mu vya nkenerwa mur’ico gisata. Ni co gituma yaciye asaba uko gufata mu mugongo abanyeshure baje kwiga kugira bateze imbere Uburundi.
Josee Antonio Bowen yamenyesheje ko kaminuza arongoye izoraba ko mu mwaka w’ishure wa 2015-2016 yokwakira abanyeshure b’abarundi bahejeje amashure yisumbuye kugira bazohige imyaka ine y’igice ca mbere n’icakabiri c’amashure ya kaminuza.
Messages
1er Munyonyo 2014, 20:47, par fabrice fab
bamuvuga ivyomuzi neza ko binabaho... Nta university college ibaho, ahubwo nibavuge ko babatwaye muri college mais si university. Kubamaze kwiga mubihugu vya system anglofone barabizi ko college ijamwo abatatoye ikibazo ca reta hama university nayo kwari iyabagitoye. Rero University na college ntaho bisaniye.