Accueil > Amakuru > Amashuri > Kaminuza "Université Espoir d’Afrique" iramutswa umuyobozi mushasha
Kaminuza "Université Espoir d’Afrique" iramutswa umuyobozi mushasha
lundi 19 Nzero 2015
Sylvain Nzohabonayo niwe aramutswa Kaminuza yitiriwe umwizero wa Afrika kuva kw’igenekerezo rya 10 Nzero 2015. Uwo aheruka gushingwa ayo mabanga yasubiriye mu kibanza cahoramwo Docteur Gerald E. Bates yaheruka kurangiza ikiringo ciwe c’imyaka ibiri.
- Sylvain Nzohabonayo aramutswa Kaminuza yitiriwe umwizero wa Afrika
Urwego nshingwantwaro rwa Kaminuza yitiriwe umwizero wa Afrika (Université Espoir d’Afrique) rwafashe ingingo y’ukugena Sylvain Nzohabonayo mu mabanga y’ubuyobozi (Recteur) bw’iyo Kaminuza.
Sylvain Nzohabonayo yahora ari umuhanuzi ajejwe kumenyesha amakuru mu biro vy’umutambukanyi w’umukuru w’igihugu Petero Nkurunziza, akaba yubakanye na Linnet Kasaya, bafitaniye abana babiri aribo Brave na Daniella.
- Sylvain Nzohabonayo, n’umuryango wiwe
Ido n’ido ry’ubuzima bw’uwo muyobozi wa Kaminuza (Université Espoir d’Afrique) Sylvain Nzohabonayo, imigambi yiwe n’ibindi, ni mu makuru yacu yo hanyuma.
Egide Nduwimana
Messages
19 Nzero 2015, 14:41, par epimac
Congrats man. Ndabona nokwishimira Umuyobozi mushasha wa Hope. Courage and songa mbele.
19 Nzero 2015, 23:40, par Nuwera
Turagukunda numuryangowawe kandi nuwusubiriye yamaze ikiringo ciye nawe turamukunda ( turabakunda)
24 Nzero 2015, 20:37, par Juvénal
Ongela sana. Nakutakia kazi njema, ulinzi wa Mungu uwe juu na pande zote kwako.
26 Nzero 2015, 19:26, par Zorubabert
IMANA IZE IBAZIGAME, KANDI IBAYOBARE, NTIMUZE MWIBAGIRE GUSHIRA IMANA IMBERE.
KUKO UBURONGOZI BUVA KU MANA.
TURABAKUNDA, MURAKOZE