Deprecated: Unparenthesized `a ? b : c ? d : e` is deprecated. Use either `(a ? b : c) ? d : e` or `a ? b : (c ? d : e)` in /home/igihe/public_html/ecrire/inc/utils.php on line 2576
Kaminuza y’igihugu c’Uburundi irakenye ibibanza abanyeshure bigiramwo - IGIHE Burundi
IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > Amashuri > Kaminuza y’igihugu c’Uburundi irakenye ibibanza abanyeshure bigiramwo

Kaminuza y’igihugu c’Uburundi irakenye ibibanza abanyeshure bigiramwo

lundi 10 Ruheshi 2013

Kaminuza y’igihugu c’Uburundi irafise ikibazo c’ubwinshi bw’abanyeshure n’ibibanza bakirwamwo bisanzwe ari bike cane.

Umushikiranganji w’amashure yisumbuye n’ubushakashatsi, Joseph Butore yamenyesheje ko azotura ico kibazo abasanzwe bafasha muri ico gisata mu nama izobahuza mu kwezi kwa Mukakaro. Leta nayo ikaba itegekanya kwubaka ibirasi bitatu kuri kaminuza y’Uburundi.

Ikigo ca kaminuza y’Uburundi catanguye gukora icese mu mwaka w’1964, kikaba gifise ubushobozi bwo kwakira abanyeshure ibihumbi bitandatu gusa mu gihe ubu higa abagera ku bihumbi cumi na bibiri. Ivyo rero bikaba bica bitosekaza akanovera k’inyigisho zihabwa iyo mikangara burundi bw’ejo, kuko badaheza ngo bakurikiranwe neza mu vyigwa canke baronke uburaro bose.


Egide Nduwimana

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.