IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > Amashuri > Kaminuza y’impunzi igiye kwugururwa mu Burundi

Kaminuza y’impunzi igiye kwugururwa mu Burundi

mercredi 25 Ruhuhuma 2015, par Egide N

Ku ncuro ya mbere hamwe n’ubwa mbere kw’isi yose, ishure rya kaminuza rigiye kwugururwa mw’ikambi y’impunzi mu Burundi. Urwaruka rugizwe n’abakongomani bahunze intambara zibera mu buseruko bwa Repuburika iharanira intwaro rusangi ya Congo ruzotangura guhabwa ivyigwa vya Kaminuza kuva muri Nyakanga 2015.

Amashirahamwe HCR (Haut Commissariat des Refugiés), SIHO (Swiss International Humanitarian Organization) hamwe na Kaminuza y’i Paris (I Panthéon Sorbonne) azotanguza mu Burundi kuva muri Nyakanga 2015, ishure rya kaminuza mw’ikambi y’impunzi yo ku Musasa.

Iyo kambi y’impunzi ifise ubushobozi bw’ukwakira impunzi ibihumbi cumi na bitatu yuguruwe kw’igenekerezo rya 15 Rusama 2013. Amakuru dukesha itororokanirizo ry’amakuru "Agence Flag" amenyesha ko ribaye irya mbere kw’isi yose hugururwa ishure rya Kaminuza mw’ikambi y’impunzi, bikaba bitegekanijwe ko ivyigwa muri iyo kaminuza bizohabwa abanyeshure bagera ku majana abiri b’impunzi zo muri iyo kambi, akaba azoba ari kuva kw’igenekerezo rya 8 Nyakanga 2015. Abo banyeshure bakazoba bagizwe n’urwaruka rw’abakongomani rwahunze intambara zibera mu buseruko bwa Repuburika iharanira intwaro rusangi ya Congo.


Egide Nduwimana

Messages

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.