Accueil > Amakuru > Amashuri > Kaminuza y’ivyizigiro vy’Afrika yatanze impapuro z’umutsindo
Kaminuza y’ivyizigiro vy’Afrika yatanze impapuro z’umutsindo
vendredi 21 Kigarama 2012
Ishure kaminuza y’ivyizigiro vy’Afrika, Universite espoir d’Afrique yatanze impapuro z’umutsindo
Ku ncuro igira umunani, ishure kaminuza y’ivyizigiro vy’Afrika, Universite Espoir d’Afrique iri I Bujumbura mu Ngagara, yatanze impapuro z’umutsindo kuri uyu wa gatanu itariki ya 21 kigarama 2012 ku banyeshuri barenga 400.
Ivyo birori vyatanguye igihe c’isaha zine n’iminota 50,vyatangujwe n’urugendo rwagizwe n’abarongozi ba kaminuza,abigisha hamwe n’abanyeshure bari baramutse bahabwa impapuro z’umutsindo barongowe n’abagize urwego nshingwantwaro rwa kaminuza hamwe n’abigisha mu bisata bitandukanye.Urugendo rurangiye haciye haririmbwa ururirimbo ruhayagiza igihugu rukaba rwakurikiwe n’umurisho w’ingoma.
Mw’ijambo ryiwe ry’ikaze, umuyobozi wa kaminuza Musenyeri Buconyori Elie yamenyesheje ko ashimira cane Imana kubwo ibikorwa bashitseko muri uno mwaka, akaba yashimiye kandi abitavye ibirori bose harimwo mbere n’abavuye mu mahanga nko muri Amerika. Umuyobozi wa kaminuza akaba yaboneyeho akaryo ko kwibutsa intumbero ya kaminuza akaba ari guteza imbere Afrika mbere n’akarere, aha ntiyibagiye gutekerera impanuro abagomba bahabwe impapuro z’umutsindo.
Kubwo uwaserukiye abanyeshure bahawe impapuro z’umutsindo,yashimiye cane kaminuza yabahaye ubumenyi mu gihe cose bari bayimazemwo akaba yashimiye kandi bimwe bivuye ku mutima abigisha bitanze mu kubaha ubumenyi,akaba mbere yaciye yemera ko bazokwama bakurikiza icivugo ca kaminuza mu gukorera ibihugu bitandukanye bakomokamwo.Hakurikiye ijambo ry’Imana ryasiguwe na Docteur Mc Cown aho yagarutse ku nsiguro y’ijambo umwizero.
Ibirori bikaba vyabandanije batanga impapuro z’umutsindo aho umurongozi wa kaminuza ari kumwe n’uwaserukiye reta batanze izo mpapuro igisata inyuma y’ikindi uhereye ku biga mu gisata c’ivyo ijambo ry’Imana.
Mw’ijambo ryiwe uwaserukiye reta akaba ari icegera ca mbere c’umukuru w’inama nkenguzamateka,yakeje abanyeshuri bari bahejeje kuronka impapuro z’umutsindo, yamenyesheje kandi ko reta itazohengeshanya gushigikira kaminuza mu gihe iri mu makaminuza asohora abanyeshuri batari bake uko umwaka utashe.
Ikaba yari ku ncuro ya mbere kaminuza isohoye abaganga, abahinga muvyo kwubaka,n’abarangije mu gice ca kabiri ca kaminuza.Hambavu y’icegera ca mbere c’umukuru w’inama nkenguzamateka,ibirori vyari vyatewe iteka n’abakenguzamateka, umushikiranganji w’ubutare n’agataka n’abandi banyacubahiro.
Mugisha Van Naris