Accueil > Amakuru > Amashuri > Kaminuza y’Uburundi: Kuva mu kwezi kwa kabiri ntizofungurira abanyeshuri mu (...)
Kaminuza y’Uburundi: Kuva mu kwezi kwa kabiri ntizofungurira abanyeshuri mu gatondo
mercredi 6 Nzero 2016
Ubuyobozi bujejwe ibikorwa muri Kaminuza y’Uburundi bumenyesha ko kuva kw’igenekerezo rya mbere ukwezi kwa kabiri,abanyeshuri ba kaminuza y’Uburundi baba mu ndaro batazoronswa ivyo bahora bafungura mu gatondo.
Mw’itangazo ryateweko umukono n’umuyobozi ajejwe ibikorwa muri Kaminuza y’uburundi Anatole Nzinahora kuri uno wa gatatu igenekerezo rya 6 Nzero 2016,ubuyobozi bumenyesha ko ubutunzi butifashe neza ko arico gituma butagishoboye kugaburira abanyeshuri incuro zitatu ku munsi.
Muri iryo tangazo ryashikirijwe abanyeshuri,ubuyobozi bujejwe ibikorwa muri kaminuza y’Uburundi bumenyesha ko hari ibindi bikorwa bibandanya gukorwa kugira abanyeshuri baba mu ndaro babandanye gufungurirwa.
Iryo tangazo rimenyesha ko kugira kaminuza y’Uburundi ishobora kubandanya kugaburira abanyeshuri baba mu ndaro incuro zibiri ku munsi,ingingo yafashwe ari guhagarika ivyo abanyeshuri bahora bafungurirwa mu gatondo.
IGIHE
Messages
6 Nzero 2016, 20:55, par gahimano
none abonyene ko aribo batanguje imigumuko iyo nayo igatuma ubutunzi bwiguhugu butosekara nimubafungurire 1 kumunsi babone inyishu yivyo bakoze, babandi babakwegera munabarabara nibabahe ubwo buyi turabe. (umuheto uhenda umwambi bitari bujane)
6 Nzero 2016, 20:57, par gahimano
none abonyene ko aribo batanguje imigumuko iyo nayo igatuma ubutunzi bwiguhugu butosekara nimubafungurire 1 kumunsi babone inyishu yivyo bakoze, babandi babakwegera munabarabara nibabahe ubwo buyi turabe. (umuheto uhenda umwambi bitari bujane)
7 Nzero 2016, 05:51, par NDAYIZEYE Alexis
Jewe mbona ahubwo bakuru bacu bo bandanya babagaburira bagapfuma bagabanya imfungugwa z,abafungwa.Kandi kugira duterimbere nukwo abafungwa bose bobaha igikogwa nk,akarorero kurima kuko ntakuntu borya bicaye
7 Nzero 2016, 08:34, par che
Ibi nivyerekana ko leta ifise ingorane zikomeye ariko iguma yihagararako kandi bidakunda. Nimwemere ko mufise ingorane, mwicare muzishakire umuti, umuti udaciye mu bwicanyi no gutoteza bene burundi mubita abansi, kuko nimwabandanya, n’izindi nzego za leta zizogera aho zihagarara!!! Nta gihugu cubakira k’unduru, imiborogo n’amarira y’abakibamo.
7 Nzero 2016, 12:54, par patrick
che ivyo uvuze nivyo.
7 Nzero 2016, 14:13, par petit dejeune
yemw kabananiy!!burya guhomera iyiyonka biraca imitsi!rindir akarinyuma karahnda!bazohava bacumba nubugar mur kaminuza barumange!mbg burundi!petit dejeune ntimuyikur ah mudashka k bateka mur chmbr!cnk bongr kumayezi mbna bwarubusa gsa
16 Nzero 2016, 07:16, par Tungukobiri
Ibintu biriko biranyaruka guhinduka!Buyoya yabatse ama bus n’inyama,Nkurunziza nawe ngo sezere akayi! Ikibabaje n’uko biyobagiza ko ubwenge bufitaniye isano n’ivyo umuntu afungura! N’est-ce pas la culture de la médiocrité?
19 Nzero 2016, 17:17, par faustin
yemw ivyubu nihatari non ubona ko bizogenda gut
19 Nzero 2016, 17:18, par faustin
yemw ivyubu nihatari non ubona ko bizogenda gut
2 Ruhuhuma 2016, 15:17, par 69239784
YEye reta yingoz nayo ntivyorosh pe!
2 Ruhuhuma 2016, 15:20, par 69239784
YEye reta yingoz nayo ntivyorosh pe!